L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Albert Niyondiko : Yamaze imyaka myinshi aronderwa, yicirwa imbere y’inzu y’ivyatsi. Yishwe ku wa 9 Ntwarante 2020 mu gikorwa c’igipolisi n’iperereza. Intara ya Bururi.

Albert Niyondiko

Yamaze imyaka myinshi aronderwa, yicirwa imbere y’inzu y’ivyatsi

Kw’igenekerezo rya , mu gitondo ca kare cane, Albert Niyondiko yishwe n’amasase imbere y’inzu y’ivyatsi aho yari yaraye ku mutumba Gakaranka, komine Mugamba (Intara ya Bururi).

Umwidondoro w’abishe Niyondiko n’uburyo bamugandaguye ntivyemejwe ariko ivyabona vyinshi vyemeza ko abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bafise uruhara muri ico caha. Bamaze amasaha menshi bakikuje urugo barindiriye ko Niyondiko asohoka.

Igihe bumvise urwamo rw’amasasu, ababanyi baragize ubwoba, barinyegeza. Bamwe baregereye kugira babaze ivyabaye. Abapolisi babagumije kure yaho vyabereye baca bategeka ko ikiziga ca Niyondiko gihambwa vuba, umuryango wiwe udahari. Umupolisi yaragabishije umuryango wiwe, awuhanura kutamuhamba nk’uko basanzwe babigira, kuko « uwakoze icaha ntashobora guhambanwa iteka. »

Abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bari bamaze imyaka myinshi barondera Niyondiko. Abajejwe intwaro bamukeka ko yoba ari mu murwi witwaza ibirwanisho urwanya Leta kandi ko yoba afise inkoho. Aho kumufata no kumushikiriza ubutungane igihe batora aho yari yinyegeje, baciye bamwica muri uyo mwanya nyene. N’umupolisi wo mu rwego rwo hejuru yaje yiruka aho vyabereye yarerekanye umubabaro ahageze, nk’uko icabona cumvise abwira abandi bajejwe gucungera umutekano, avuga ngo : « Ni kuki mwamwishe kandi ata kirwanisho yari afise ? Mwari kumufata ! »

Benshi mu baba kuri uyo mutumba bemeje ko bari barabonye uyo yishwe afise inkoho, bongera bavuga ko abapolisi batoye inkoho muri iyo nzu y’ivyatsi ariko ntibemeza ko Niyondiko yayikoresheje mu kwivuna. Ibihuha vyarakwijwe hose ko yoba yarakomerekeje uwujejewe umutekano canke ko yoba yarakubiswe umupanga, ariko ababanyi biwe bari bafise ubwoba bwinshi kuburyo batari gusaba amatohoza y’ingene yishwe. Igitigiri kinini c’abakozi bo mw’iperereza n’abapolisi, bamwe muri bo bakaba baje bava mu ntara ya Makamba zegeranye canke Bujumbura, bahashitse imbere n’inyuma yico gikorwa hamwe n’ihagarikwa rya benshi mu bazinanye na Niyondiko vyari bikwiye kugira bitume badakurako umunwa.

Niyondiko ntiyari umuntu wa mbere yishwe n’abashinzwe umutekano mu mezi aheze mu ntara y’ubumanuko bushira uburengero y’Uburundi ku mvo zo gukekwa ko yoba atunze ibirwanisho canke ko yoba ari mu murwi w’abarwanyi. Iyo ntara, cane cane komine Mugamba, yabayemwo amabi menshi kuva mu ntango z’ingorane za politike Uburundi burimwo. Muri , naho bitabaye mu zindi ntara zo hagati mu gihugu, amajana y’abanyagihugu barihaye amabarabara mu kwiyamiriza ingingo y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yo kwitoza ubugira gatatu.

Nk’uko vyabaye i Bujumbura, igipolisi cakoresheje inguvu z’umurengera mu kurwanya iyo myiyerekano nk’uko vyavuzwe n’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ; abapolisi barishe umunyeshure, bongera barafata abandi bantu benshi. Bamwe mu bariko bariyamiriza bintagondwa barakoresheje igikenye. Mu mpera za no mu ntango za , abantu bitwaje ibirwanisho baragavye ibitero vyinshi mu Mugamba, vyari bigana indongozi zo ku mutumba n’abantu bakekwa ko bakorana n’inzego zijejwe gucungera umutekano. Abo nabo bakaba barabivunye bakoresheje inguvu nyinshi, n’i Gakaranka. Muri , Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yagabishije abarwanyi bo mu Mugamba abasaba kwishikana, batabigize naho abamenyeshako bazokwibonerako. Kuva ico gihe, benshi muri bo barafashwe, barishwe canke bafashe inzira y’ubuhungiro.

Ivya Niyondiko biratandukanye. Mu myiyerekano yo muri , yari mu bari bajejwe guhimiriza abiyerekana kandi yari umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Umuhari uharanira ugufatana mu nda na demokarasi (MSD). Nk’uko amasoko menshi avyibaza, yoba yaragiye mu mirwi yitwaza ibirwanisho irwanya Leta ariko ntiyigeze akura ikirenge mu ntara avukamwo, aho yagumye aragira inka ziwe akarima n’imirima yiwe.

Kubera ko yari aziko aronderwa n’inzego z’umutekano, yagumye agerageza kutaboneka kandi yarara gake mu rugo rwiwe. Igipolisi cagerageje kumufata incuro nyinshi ariko buri gihe akabaca mu myanya y’intoke. Imbere yuko apfa, yaba mu nzu y’ivyatsi y’umudandaza wo ku mutumba kandi ni naho nyene baruhiye kumwicira.

Abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bamenye gute aho yinyegeje ? Amasoko amwe yemeza ko ababa mu micungararo boba barafashije abakozi bo mw’iperereza kumenya aho Niyondiko yaba. Ariko hashobora kuba ari izindi mvo zoba zatumye bamurondera. Umwe mubaba i Gakaranka yemejeko : « Iyo komine (Mugamba) yahoze ari urubuga rw’abatavuga rumwe n’abari ku butegetsi. Kubera ko yari (Niyondiko) umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta, MSD, bashaka gutera ubwoba abanyagihugu bo muri iyo ntara kugira ngo bahindure aho bahagaze (kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi). »

Muri kahise, ababa muri Mugamba no mu ma komine yegeranye barashigikiye imigambwe itavuga rumwe na Leta yarimwo abanywanyi benshi bo mu bwoko bw’abatutsi, cane cane MSD yahagaritswe muri . Abanyagihugu benshi bashigikiye kandi umugambwe w’abadasigana (UPRONA), wari ku butegetsi kuva gushika . Abakuru b’igihugu c’Uburundi batatu hamwe n’abategetsi b’igisirikare bab’abatutsi mu gihe c’intwaro y’umukazo n’igikenye ya UPRONA bava mu ntara ya Bururi. Mu misi iheze, inguvu z’imigambwe ya UPRONA na MSD zaragabanutse kandi ntigifise inguvu za politike zo guhangana n’umugambwe mukeba, CNDD-FDD, uhurikiye mwo abanywanyi benshi bo mu bwoko bw’abahutu. Ariko, iracashigikiwe cane i Bururi no mu ntara zegeranye ya Rumonge. Muri , UPRONA yatsindiye intebe zo mu nama nshingamateka muri izo ntara zibiri zonyene. Kubwo ivyavuye mu matora yo muri , umugambwe mukuru utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL), waronse amajwi menshi i Bururi kurusha mu tundi turere two mu gihugu hagati.

Urupfu rwa Niyondiko rwagabishije bimwe bikomeye uwariwe wese yohangana n’umugambwe uri ku butegetsi, ku nguvu canke mu bundi buryo, ko atazokwihanganirwa mu kiringo c’imbere y’amatora ya . Mu ntara zegeranye ya Makamba, umukomiseri w’igipolisi ku rwego rwa komine yafashe akarorero k’ivyabaye i Bururi mu gutera ubwoba abatavuga rumwe na Leta. Abantu benshi bari mu nama yagize hamwe n’abagendesha ama pikipiki kw’igenekerezo rya , bamenyesha ko Prosper Kazungu yavuze ati : « Nimutahagarika kugumukana ababatwara, muzomenya uwo ndi. Murabaza abari mu Mugamba. Bibaza ko atawoshika aho bari. Murababaza. Twarabakosoye neza cane. Ni ukwica bamwe hanyuma abandi bagaca bishora. Abashaka kwibonerako nimubigane. »

Kazungu ntiyashatse kwibutsa urupfu rwa Niyondiko rwonyene, ahubwo yashatse kwibutsa n’ibindi vyabaye mu micungararo yo mu Mugamba. Kw’igenekerezo rya , ubushikiranganji bujejwe umutekano bwamenyesheje ku rubuga rwabo rwa « tweet » ko abajejwe umutekano bishe inkozi z’ikibi zitatu muri komine Matana, hafi yo mu Mugamba – harimwo Pascal Ninganza batazira Kaburimbo, ari we barondera muri ico gikorwa. Muri , Umukuru w’Inamankenguzamateka, Reveriyano Ndikuriyo yari yavuze ko azoha imiliyoni zitanu z’amafaranga (5 000 000 FBU, zingana na ma dolari 2 590) uwuzomuzanira Kaburimbo ahema canke yapfuye, yamwagiriza kuba yatanze inyigisho za gisirikare ku batavuga rumwe na Leta. Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya , abapolisi bishe uyundi mugabo yagirizwa kuba atunze ikigwanisho kandi atabifitiye uruhusha, Onesphore Mukamarakiza, muri komine zegeranye ya Burambi (Intara ya Rumonge).

Nk’uko amakuru dufise abivuga, abategetsi ntibakoze amatohoza yo kwerekana ko muri ivyo bikorwa hari hakenewe gukoresha inguvu zica. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abategetsi bo muri Leta y’igihugu, hamwe n’umushikirizamanza wa Repuburika na komiseri w’igipolisi mu ntara ya Bururi, ribasaba gutanga amakuru ku matohoza yoba ariko arakorwa kuri ivyo vyabaye. Nta numwe muri abo bategetsi bishuye.

Mu Burundi, ukudahanwa kw’abajejwe umutekano bakora ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu kwaratsimbataye. Naho atawujejwe umutekano n’umwe yafashwe ku bijanye n’urupfu rwa Niyondiko, abandi bantu benshi barapfunzwe ; harimwo n’umukozi wo mu nzu afise imyaka 17 yari mu nzu y’ivyatsi aho Niyondiko yiciwe, na we nyene yarafashwe kandi yarakubiswe cane. Inyuma yaho abandi baba mu micungararo bari barafashwe, harimwo n’umukuru w’umutumba wa Gakaranka, barapfunguwe. Abantu batatu, harimwo wa mukozi wo mu nzu, baracapfunzwe.

Kw’igenekerezo rya , igipolisi carahagaritse Boniface Ntaguzwa, umukuru w’umutumba wa hafi yahora ari mu gisirikare ca kera c’Uburundi, Intwaramiheto z’Uburundi (ex-FAB), kimwagiriza kuba akorana n’imirwi yitwaza ibirwanisho no kuba atamenyesheje abajejwe intwaro ko hari abantu baronderwa bari ku mutumba atwara. Mugabo, bamwe mubaba kuri uyo mutumba bemeza ko imvo nyamukuru yatumye afatwa kandi agapfungwa yoba ari uko yari umukeba mu mwanya w’akazi mu rwego rw’intwaro ku mutumba. Naho kw’igenekerezo rya , Sentare yategetse ko yorekurwa ivy’agateganyo, ariko Ntaguzwa yagumye apfunzwe gushika ku wa . Igipolisi carahagaritse abagenzi n’incuti z’abantu bishwe i Matana n’i Burambi.

Kubera hafashwe abantu benshi kandi henshi, ubwoba bwarongekerekanye mu miryango y’abakorewe ivyaha, bigatuma batinya kwitura ubutungane. Igihe Ishirahamwe IDHB ryabaza umwe mu bagize umuryango w’uwakorewe icaha nimba yarituye abajejwe intwaro, yishuye ati : « Reka ndababaze ikibazo. Twokwitwara hehe ? Abokwakira ibirego vyacu ni bo nyene bakoze iryo kubagura. Ntaho dufise tuja. »