L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Désiré Ntahondabasigiye : Yaguye imbere y’umuryango wiwe. Yishwe ku wa 12 Kigarama 2019 n’Imbonerakure. Intara ya Bujumbura.

Désiré Ntahondabasigiye

Yaguye imbere y’umuryango wiwe

Désiré Ntahondabasigiye yaserukira ku rwego rw’intango, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL), umugambwe utavuga rumwe na Leta, muri komine ya Nyabiraba, intara ya Bujumbura. Yari yubatse kandi afise abana batanu. Igihe agandagurwa n’abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, kw’igenekerezo rya ku rugo rwiwe ku musozi Musenyi, muri zone Nyabiraba, umugore wiwe yari yibungeze umwana agira gatandatu.

Kw’igenekerezo rya , mu gitondo, Désiré Havyarimana, umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi – Inama y’igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro Rusangi (CNDD-FDD) – muri komine Nyabiraba yabwiye abadandaza babiri nabo nyene ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ko Ntahondabasigiye yegeranya intererano y’amafaranga ya CNL kandi ko ayandika mu gatabo. Kugirango abeshuze ico gihuha, Ntahondabasigiye yahereje umwe muri abo badandaza agatabo kamwe yandikamwo amafaranga aronka mu rudandaza rw’inzoga z’ikirundi yakora afadikanije n’umugore wiwe yongera amusaba kukereka Havyarimana.

Iyo ngingo ntiyashoboye gukura amakenga ajanye n’ivyo bihuha. Mu nyuma, kuri uyo munsi nyene, abagenzi baraciriye agace Ntahondabasigiye, bamuhanura kwitonda kandi bamubwira ko ashobora kugirirwa nabi.

Ku mugoroba w’uyo munsi nyene, hagati y’isaha imwe n’inusu n’isaha zibiri z’ijoro, amasase menshi yararashwe aca mw’idirisha ry’inzu ya Ntahondabasigiye aho yariko arafungura ari kumwe n’umugore n’abana biwe. Ayo masase yahitanye Ntahondabasigiye : yacikanye inyuma yaho gato. Abana n’umugore ntaco babaye.

Icabona kimwe cabonye Imbonerakure yitwa Jean Marie Ntagahoraho, umubanyi wa hafi, afise inkoho iri kw’idirisha akanya gato imbere yuko ayo masase araswa, uwundi mubanyi yabonye Mélance Ntakarutimana, iyindi mbonerakure, hafi y’inzu, nawe nyene afise inkoho. Imbere gato y’igitero, uyundi mubanyi yabonye Jean Marie, Mélance n’izindi mbonerakure zitatu – Shirira, Ndori na Didier – bagenda bagana ku nzu ya Ntahondabasigiye (Imbonerakure zizwi cane cane ku mazina yabo y’amatazirano canke y’ubuhizi). Ababanyi bo ku mutumba bari bazi neza izo mbonerakure.

Ukuntu iryo gandagurwa ryari ryatunganijwe kwatumye ibinyamakuru vyo mu Burundi bikurikirana iyo nkuru, kandi n’abantu isinzi baraherekeje uyo muhisi umunsi wo kumushingura. Ariko naho haheze amezi atandatu ivyo bibaye, abagirizwa urwo rupfu baracidegemvya.

Bukeye bw’urwo rupfu, Mélance yarafashwe ariko yapfunguwe haheze indwi zibiri. Umubanyi wo ku mutumba yavuze ko Imbonerakure imwe yaje mu modoka kumutora mw’ibohero ryo mu Kabezi umunsi wo kumupfungura. Kuva ico gihe, ntibasubiye kumufata. Umukozi wo mu bushikirizamanza yaratanguje amatohoza ariko gushika ubu nta wundi muntu arafatwa ku vyerekeye urwo rupfu, kandi bisa n’uko ayo matohoza yahebwe. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abajejwe amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ingingo zoba zarafashwe n’abategetsi ku vyerekeye igandagurwa rya Ntahondabasigiye. IDHB yarandikiye n’Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bujumbura, imubaza ibibazo ku bagirizwa ubwo bwicanyi. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye.

Mu minsi n’indwi vyakurikiye urupfu rwa Ntahondabasigiye, batatu mu mbonerakure zari zabonywe hafi y’inzu y’uwo muhisi ku mugoroba w’umunsi bamugandagura – Mélance, Ndori na Didier – barakoresheje iterabwoba ku muryango wiwe baranabagabisha ko bazobica nibabandanya bakurikirana urwo rubanza.

Ntahondabasigiye yari yaratewe ubwoba incuro nyinshi imbere yuko yicwa kubera ibikorwa vya politike yakora nk’uwutavuga rumwe na Leta. Inyuma yo kuja mu myiyerekano yo guhakana ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza muri , yarahunze Uburundi. Inyuma y’imyaka igera kuri ibiri yaratahutse, yarafashwe arongera arapfungirwa mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura ; yapfunguwe muri Ndamukiza . Imbonerakure zagumye zimutera ubwoba kuva apfunguwe.

Amezi ashika abiri imbere y’urwo rupfu, Havyarimana yarateye ubwoba Ntahondabasigiye inyuma yaho yanse guha CNDD-FDD intererano y’amafaranga. Havyarimana ari kumwe n’Imbonerakure yitwa Shirira yamubwiye ko bamufise mu minwe yabo. Umubanyi wo ku mutumba yaributse ko yari kumwe na Ntahondabasigiye iminsi mike imbere y’urupfu rwiwe aho Havyarimana yaca imbere yabo akabwira Ntahondabasigiye ngo : « Ndagufise mu minwe nk’irigi. »

Imvo nyezina yo kwicwa kwiwe ntiremezwa. Ariko, ababanyi bo ku mutumba n’ayandi masoko yari hafi y’ivyabaye bibaza ko yoba yazize ibikorwa vyiwe yagize mu batavuga rumwe na Leta kandi ko Havyarimana yoba afise uruhara mw’itegura ry’ubwo bwicanyi. Havyarimana yarahakanye yivuye inyuma ivyo birego : « Ni ibinyoma », nkuko yavuze kw’igenekerezo rya . « Hari haheze indwi yose ntamubonye (Ntahondabasigiye). Mu gitondo c’urupfu rwiwe, nariko ndaraba aho bandika abatora. Navuye muhira hakiri kare cane ntaha hafi y’isaha cumi zo ku muhingamo. Sinigeze mpura n’uwo Désiré. »

Ku bijanye n’ivyagirizi bivuga ko Imbonerakure Mélance, Jean Marie na Shirira boba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi, Havyarimana yishuye ati : « Ndazi Shirira ... Nari kumwe nawe umunsi wose. Igihe c’iryo gandagurwa nari kumwe nawe ... Ni imvo za politike. Bashaka kwikura gusa abategetsi bo muri CNDD-FDD. Haheze igihe kinini ntabona Jean Marie. Sinzi imvo z’ubwo bwicanyi. Sinzi naho uyo Désiré aba. Ndemeza ko Shirira atamuzi. Burya mu ntango, nibaza ko yiyahuye. Rondera (inyishu) mu muryango wiwe. » Yarahakanye ivyaha aregwa vyo kuba yaragiriye iterabwoba uwo muhisi mu gitondo caho yicwa : « Sinigeze mbonana na Désiré Ntahondabasigiye ... Ntituvugana. »

Intara ya Bujumbura (yahora yitwa Intara ya Bujumbura rural) yaramaze igihe kire kire ari urubuga rwa CNL. Mu gihe c’indwano mu Burundi hagati y’imyaka na , Umugambwe uharanira ukubohoza ubwoko bw’abahutu-Umuhari w’igihugu wo kubohora (PALIPEHUTU-FNL) – umurwi urwana wahindutse umugambwe, FNL, hanyuma uhindura izina ukitwa CNL muri  – warakoresheje iyo ntara nk’icicaro cawo gikuru, wongera uratera kenshi igisagara ca Bujumbura. Inyuma yo gusubiza mu buzima busanzwe aba FNL, n’ukuwemera nk’umugambwe muri , iyo ntara yabandanije kuba urubuga rw’ivyuka bibi n’indyane za politike. Abajejwe umutekano n’Imbonerakure barondera cane cane abanywanyi ba FNL ubu naho aba CNL. Kuva mu ntango y’ingorane za politike mu Burundi muri , abanyagihugu bo muri iyo ntara, baramenyesheje kenshi ko iyo ntara isigaye irangwa n’ivyuka bibi vya politike n’ubwicanyi.

Mu gice ca kabiri ca , haravuzwe imishamirano hagati y’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye n’igipolisi n’igisirikare mu ma komine ya Kanyosha na Nyabiraba. Abanywanyi benshi ba CNL barafashwe mu nyuma y’ivyo vyabaye. Bikaba, nk’uko bivurwa n’amasoko amw’amwe, yari inkinamico z’abarongozi kugira bazagirize CNL kandi bagabanye inguvu z’abakeba babo bakuru imbere y’amatora. Imbonerakure zaragize uruhara muri ivyo bitero vy’inkinamico bakigira abarwanyi. Amasanamu ateye ubwoba ya bamwe muri abo biyita abarwanyi boba barishwe yaratembereye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Haheze indwi nkeya, kw’igenekerezo rya , Méthuselah Nahishakiye, umukuru wa CNL ku mutumba Migera, komine Kabezi, yarapfuye arashwe hafi y’isaha zibiri z’ijoro hafi y’urugo rw’abavyeyi biwe aho yaba. Yari afise inguma nyinshi z’amasase ku maguru, ku maboko, mu nda, mu gikiriza, no mu maso. Umwidondoro w’abakoze ivyo vyaha nturamenyekana.

Mu ndwi z’imbere yaho, Nahishakiye, afise hafi imyaka 25, yari yahunze inzu yiwe mu nyuma yaho akorewe iterabwoba n’Imbonerakure n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD bo kuri uyo mutumba boba batanezerezwa n’ibikorwa vyiwe vyo guhimiriza abantu ngo binjire muri CNL. Umugenzi wiwe yavuze ko, umunsi wo kumufuba, Imbonerakure zari kw’ipikipiki zarakurikiye abagiye guhamba zirabacamwo ziririmba amajambo y’iterabwoba.

Abantu 12, benshi muri bo bakaba abanywanyi ba CNL, barafashwe bongera barabazwa inyuma y’iryo gandagurwa. Umunani muri bo barekuwe kw’igenekerezo rya , abandi bane babimuriye mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura. Iryo fatwa rikwirikira inzira yo guhohotera agateka ka zina muntu k’abanywanyi ba CNL : abategetsi barafata kenshi abandi banywanyi ba CNL, ku mvo kenshi zidafaditse, kandi abanywanyi ba CNDD-FDD bavuzwe n’ivyabona ko ari bo bakoze ivyo vyaha ariko ntibahanwe n’ubutungane.

Mu kwezi kwa , umunywanyi wa CNDD-FDD yibiye akabanga avuga ko inyamiramabi yahaye uwushinzwe intwaro ku rwego rw’intango impapuro z’imitahe zitujujwe kugira zuzuzweko amazina y’abanywanyi ba CNL bo ku kumutumba wiwe. Amacumi y’abanywanyi ba CNL barafashwe mu ntara ya Bujumbura mu bihe vyegereje amatora, kenshi mu buryo bunyuranye n’amategeko mu gihe Leta yariko irarondera gutuza ibikorwa vya CNL imbere y’amatora.