
Ubucuti budashemeye
Ni nde afise ubutegetsi mu Burundi ?
Impera z’umwaka wa zaranzwe n’impinduka zitangaje za politike mu Burundi. Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yarerekanye inguvu ziwe kandi yarakoze n’ivyo umuntu atashobora kwiyumvira : yarabogoje umushikiranganji wa mbere yahora akomeye cane, Alain Guillaume Bunyoni.
Icegeranyo gishasha ca Initiative pour les droits humains au Burundi : « Ubucuti budashemeye : ni nde afise ubutegetsi mu Burundi ? », kirihweza ubucuti hagati y’abategetsi bakomeye b’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, n’ukugerageza gutsimbataza ubutegetsi bwabo. icegeranyo kirasesangura inyigisho z’abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure, n’ibikorwa vyo gutera ubwoba no gukubagura abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Leta bikorwa n’abategetsi ba Reta na CNDD-FDD.
Ikomborwa rya Bunyoni rishobora kuba ryaratondetse inguvu z’ubutegetsi mu ruhande rwa Ndayishimiye ariko iyo ngendo nshasha ishobora kuba iy’igihe gito. Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD akaba n’umunywanyi akomeye w’agace k’intagondwa, abandanya kwerekana ubuyoboke bwiwe k’uwahoze arongoye igihugu Petero Nkurunziza, biboneka nko kugarariza mu buryo butaboneka, umukuru w’igihugu Ndayishimiye no kwonona impinduka uwu nyene yemeye.
Muri , Ndikuriyo yaratunganije inyigisho zo « gukunda igihugu » ku bihumbi vy’Imbonerakure kandi yarashikirije amajambo aturira mu birori bimwe bimwe vyo gusozera. Yarahaye kandi inyigisho mu bihe bitandukanye Imbonerakure zirenga 200 mu ntara ya Makamba, mu ntumbero yo kubarungika gukora mu gisata cigenga co gucungera umutekano mu bihugu vyo hanze, hashobora kuba ari mu bihugu vy’Abarabu.
N’ubwo urimwo indyane hagati muriwo, umugambwe CNDD-FDD uboneka nk’uwuhuriza ku kintu kimwe : ishaka ryawo ryo gutsinda ukwo bishoboka kwose amatora y’abashingamateka yo muri n’amatora y’umukuru w’igihugu muri . Ndikuriyo yabwiye Imbonerakure ko zitegerezwa kurondera uburyo bwo kuzana abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta kwinjira muri CNDD-FDD gushika muri . Inyuma y’aho, yavuze ati, CNDD-FDD izoca ija ku ntambwe ikurikira kandi ntibizoba bigishoboka ko binjira. Imbonerakure zarageramiye abatavuga rumwe na Reta mu kubagirira nabi no mu kubica banse kwinjira muri CNDD-FDD.
Harabaye ivyifuzo bitari bike kuri kazoza ka Ndikuriyo, yoba yari ku ruhande rwa Bunyoni. Ndikuriyo asa n’uwagiye hejuru mu gice kinini c’umwaka wa naho hari ibihuha vy’ihinduka k’uburongozi bukuru bw’umugambwe, ikoraniro rikuru rya CNDD-FDD ku wa ntiryamubogoje mu kibanza ciwe. Ariko hari abatanga imburi ko umukuru w’igihugu Ndayishimiye ashobora kugerageza gucuvya Ndikuriyo mu misi ya vuba iri imbere niyaba uyu abangamiye umugambi wiwe wo guhindura ibintu. Umuntu aravye ingene Ndikuriyo yemewe mu mbonerakure, ingaruka z’igikorwa nk’ico ntawozimenya kandi zishobora gukwega imidugararo mishasha muri .
Icegerenyo kiriho mu gifaransa no mu congereza.
Incamake yo kumviriza y’icegeranyo iriho mu kirundi.