Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Uru rukurikirane rw’uburorero bw’ivyabaye rwitwa « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta » rwerekana uko Abarundi batakaje ubuzima ku mvo za politike kuva mu mpera za . Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ritangaje ubwo burorero mu ntumbero yo kwibutsa ivyabaye no kubandanya guhimiriza Leta y’u Burundi guhana abakoze ivyaha.

Ubwo burorero ni buke cane tugereranije n’igitigiri c’abantu bishwe ku mvo za politike mu Burundi mu kiringo c’imbere y’amatora yo muri . Ubwicanyi n’ibindi vyaha vyo guhungabanya agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Leta – bimaze imyaka myinshi ku rubuga rwa politike mu Burundi – vyarongerekanye cane mu mezi atandatu yanyuma ya no mu mezi atandatu yambere ya . Ishirahamwe IDHB ryizeye ko gushira ahabona ubwo burorero bugaragaza ivyabaye, gushobora guterera agacumu k’ubumwe mu gutorera inyishu nziza ibindi vyaha bisa n’ivyo no guhagarika ayandi mabi yo guhohotera ku mvo za politike.

Umugambwe Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD) waremejwe ko watahanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’abajenama b’ama komine yabaye kw’igenekerezo rya . Ivyatangajwe vyariyamirijwe n’umugambwe mukuru utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) yemeje ko amatora yibwe ku rugero runini kandi ko abanywanyi bawo bashika ku 400 bafashwe, barafungwa mu buryo bunyuranye n’amategeko mu gihe c’amatora n’inyuma yayo. Inama y’Abepiskopi Gatolika y’Uburundi – rimwe mu mashirahamwe make yigenga yarungitse abarorerezi b’amatora – yatangaje na yo nyene ubunenge bwinshi bwaranze ayo matora.

Ingingo zihuta zitegerezwa gufatwa kugirango Uburundi buve mu ngorane za politike, z’ubutunzi n’izagateka ka zina muntu zabusinzikaje kuva muri . Ariko, amaraso yasesetse imbere y’amatora ya ntashobora kuba akamizwe n’ingoma – nk’uko vyabaye kenshi muri kahise k’Uburundi. Leta nshasha itegerezwa kuvavanura no kwiyamiriza ukudahana kwaranze kahise, kurwanya kwihora no kwirinda gusubira guhohotera abandi babaziza politike.

Ishirahamwe IDHB ryakoze amatohoza kuri ivyo vyaha biri muri uru rukurikirane. Ayo makuru yegeranijwe ashimikiye ku biganiro binonosoye vyakozwe ku vyabona vyinshi n’ayandi masoko yegereye ivyabaye no muvyemeza igihe vyari bihari. Ishirahamwe IDHB ntiryatanze umwidondoro w’ivyabona ku mvo zo gukingira umutekano wavyo.

Ishirahamwe IDHB ryarashikirije Leta y’Uburundi, ubutegetsi bwo mu butungane n’abarongoye CNDD-FDD ivyo ryashitseko ku bijanye n’ivyo vyabaye. Ishirahamwe IDHB rizoguma ritera akamo risaba ko ivyo vyabaye be n’ayandi mabi bikwirikiranwa, gushika aho hazoboneka inzira zizewe zo guhana mu butungane abagirizwa ubwicanyi bufise imvo za politike.

Vyinshi mu vyaha biri muri uru rukurikirane vyakorewe abanywanyi ba CNL, umukeba mukuru wa CNDD-FDD mu matora ya . Ishirahamwe IDHB ryatoye ubwo burorero kubera ububisha buburanga kandi kubera ko bwerekana uruhara abarongozi bo mu rwego rw’intango canke abatwara umugambwe uri ku butegetsi, hamwe n’ukudahana kubakingira. Benshi mubagirizwa ivyaha ni abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, Imbonerakure, babikora rimwe rimwe bafatanije n’abarongoye intwaro bo ku rwego rw’intango n’abaserukira umugambwe CNDD-FDD kuri urwo rwego. Muri kamwe muri ubwo burorero, abapolisi canke abakozi b’iperereza barishe abantu bagirizwa kuba bari mu murwi urwanya Leta witwaza ibirwanisho.

Uburyo abagize Leta y’Uburundi n’abagize CNDD-FDD bagaragaza ivyiyumviro vyabo kuri ubwo bwicanyi, buhera ku guceceka no kwigira sindabibazwa bukagera ku guhakana mu buryo bwihariye no kwagiriza abatavuga rumwe nabo muri vyinshi canke vyose vyakozwe muri ubwo bubisha. Amatohoza yo kwizerwa yabaye kuri ivyo vyabaye ni make, ikitavuzwe co ni imanza zitari iza ngondagonde.

Muri rusangi, Imbonerakure zagirizwa kuba zarakoze ubwo bwicanyi ntizarengukijwe imbere y’intahe, ariko abanywanyi ba CNL canke abazinanye n’abakorewe ivyaha ni bo bafashwe mu kibanza cazo, kenshi mu buryo bunyuranye n’amategeko canke hisunzwe ibirego vy’ibinyoma. Imbonerakure zimwe zarafashwe ariko nyinshi muri zo zararekuwe n’ingoga. Zimwe zabandanije zitera ubwoba imiryango y’abakorewe ivyaha, n’inyuma yo kwicirwa ababo. Imiryango myinshi iratinya cane kwitura ubutungane ku buryo imanza nyinshi zirangira zitigeze zitangura.

Imbonerakure nyinshi n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD nabo nyene barishwe canke barakomeretse muri na , bamwe mu gihe c’imishamirano hamwe n’abanywanyi ba CNL, abandi mu buryo butaramenyekana. Ishirahamwe IDHB ryaragerageje gutohoza kuri vyinshi mu vyabaye risaba Leta y’Uburundi na CNDD-FDD ayandi makuru yo kwunganira ayo baronse, kuri ivyo vyabaye, ariko ntirirashobora kwemeza umwidondoro w’abakoze ivyo vyaha canke kumenya ko ubwo bwicanyi bwari bufise imvo za politike.

Uburorero butanzwe muri uru rukurikirane burimwo mu bibazo bizotorerwa umuti n’umukuru w’igihugu aherutse gutorwa, Varisito Ndayishimiye, n’inzego z’igihugu z’ubutungane. Mu gihe c’imbere y’amatora, Ndayishimiye yatangaje incuro nyinshi ko yiyemeje gukuraho ukudahana, cane cane mu bijanye n’ihohoterwa ku mvo za politike. Ubu rero araronse ububasha bwo gushira mu ngiro ivyo yiyemeje mu gutunganiriza imiryango y’ababuze abayo no gucungera kugirango izo ncungu ntizibagirwe.

Jean Bosco Ngabirano : Indongozi ku rwego rw’intango yategetse urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi kugandagura umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta. Yishwe ku wa 29 Ntwarante 2020 n’Imbonerakure. Intara ya Gitega.

Jean Bosco Ngabirano

Indongozi ku rwego rw’intango yategetse urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi kugandagura umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta

Kw’igenekerezo rya , Jean Bosco Ngabirano, umunywanyi w’umugambwe Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) yari yicaye mu kabare muri zone Mahwa mu ntara ya Gitega igihe abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ari bo Imbonerakure rwari rwicaye ku meza zari hirya gatoyi rutangura kuririmba indirimbo zihayagiza umugambwe uri ku butegetsi. Ngabirano n’abo bari kumwe babishuye nabo n’indirimbo za CNL.

Inyuma y’amasaha make niho Seconde Ndayisenga, musitanteri wa komine Ryansoro (umurongozi mukuru wo k’urwego rw’intango), yahashika hanyuma icuka kibi kirongerekana. Imbonerakure zabwiye musitanteri ko Ngabirano ari umusuma kandi ko ari mu batera akajagari mu ntara begeranye ya Bururi. Umwe mu bari ngaho mu kabare yavuze ko musitanteri yabwiye Ngabirano ngo amwegere kandi vyaboneka ko batariko bishurana neza. Ivyo bavuze ntibizwi.

Nk’uko bivugwa n’uwabiboneye tugafatira no kuvyavuzwe no mu binyamakuru, mu nyuma, musitanteri yahaye itegeko umupolisi ryo « kurasa iyo mbwa », avuga Ngabirano. Ngabirano yatunzwe n’ayo yameze ahunga akurikirwa n’uyo mu polisi. Uyo mupolisi yaciye asubira kuri ka kabare avuga ko atashoboye kumurasa. Nk’uko ayo masoko y’iyo nkuru abivuga, Ndayisenga yabwiye Imbonerakure zari muri ako kabare gufata no kwica Ngabirano.

Uburyo Imbonerakure zafashe Ngabirano ntibuzwi. Umwe mu batanze amakuru yemeje ko bazibiye amabarabara yari hafi y’ako kabare bongera bafatira Ngabirano ahantu hitwa « ku kabishato » i Mahwa.

Umugabo yoba afise imyaka 60 yavuze ko yaciye imbere y’Ishure ryigisha umwuga wo kurima ry’i Burundi (ITAB) i Mahwa hanyuma yumva induru. Yavuze ko yumvise umuntu avuga ngo « Mwararahiye ko muzokwinjiza abenegihugu bose b’i Mahwa muri CNL. Biraheze. Ntimuzobishikako. » Hanyuma, abasore babiri baramwegera. Avuga ati « Bantegetse gupfukama ... Umwe muri bo yari afise imbugita, uyundi yari afise icumu. Bantegetse kuhava bambwiye ngo niruke. » Imbonerakure zarabujije abahita kwegera aho hantu.

Mu kiganiro c’Ijwi ry’abanyagihugu (RPA), kw’igenekerezo rya , Elie Nimubona, umwe mu barongoye Imbonerakure i Mahwa, yoba yari muri ico gitero, yavuze ko Ngabirano atishwe ku mvo za politike. « Ntibamufate nk’umunywanyi wa CNL. Ahubwo nibemeze ko yari igisuma. Ntiyazize ivyiyumviro vyiwe vya politike. »

Mugabo, umwe mu barongoye CNL mu nzego zo hejuru, yemeje imbere y’Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ko Ngabirano yari umunywanyi wa CNL.

Amasoko abiri atandukanye kumwe n’amakuru yatanzwe n’ikinyamakuru kimwe batanze amazina y’Imbonerakure zoba zari muri ico gitero cagamijwe kuri Ngabirano. Nabo ni : Nimubona, Donatien Ciza, Vianney Manirakiza, Gode Ntigoheka, hamwe n’umugabo yitwa Bienvenu. Icabona kimwe cemeje ko cabonye izo mbonerakure ziriko ziriruka zikurikira Ngabirano.

Bukeye, abanyeshure batoye ikiziga ca Ngabirano hafi ya ITAB. Nk’uko vyavuzwe na bamwe mu muryango wa Ngabirano hamwe no mu binyamakuru, ikiziga ca Ngabirano coba cari carahimbuwe ibihimba bimwe bimwe. IDHB ntiyashoboye kwemeza ivyo vyagirizi. Mw’ifoto IDHB yihweje, yasanze hari ibimenyetso vy’inguma mu maso ya Ngabirano vyoba vyatewe n’uguhohoterwa, amaso yiwe yari avyimvye kandi yugaye. Ababanyi bo ku mutumba hamwe n’umuryango wiwe baranse guhamba ikiziga ciwe imbere yuko abagirizwa ico caha bafatwa. Ikiziga ca Ngabirano camaze iminsi ine kw’ivuriro ry’i Mahwa.

Nk’uko umwe mu bagize umuryango wa Ngabirano abivuga, indongozi yo mu rwego rw’ubutungane yashitse aho ico caha cakorewe ariko ntacegeranyo yashikirije urwego rw’igipolisi naho ababa ngaho bamuhaye amakuru ku mbonerakure zoba zagirizwa iryo gandagurwa.

Kw’igenekerezo rya , iyo ncuti ya Ngabirano yabajije umurongozi ajejwe ubutungane igituma atateguye icegeranyo c’amatohoza. Yamwishuye amwikura yuko atashitse aho icaha cakorewe. Uyundi wo mu muryango yariyamirije ico cemezo yongera avuga ko yari yavuganye n’uwo nyene ajejwe ubutungane igihe yari ahakorewe ico caha yongera amusaba gufata umwe mu bagirizwa ubwo bwicanyi.

Ndayisenga, musitanteri wa komine, ntiyashitse ahakorewe ico caha ariko yarungitse mu kibanza ciwe umukuru w’umutumba wa Mahwa, umurongozi wo ku rwego rwo munsi yiwe. Hari amakuru atumvikana neza yerekeye uwo Ndayisenga yategetse gutunganya ihambwa ry’ikiziga ca Ngabirano. Mu ntango yoba yabwiye umwe mu bagize umuryango gutegura ishingurwa ry’uwo muntu. Ariko mu nyuma yoba yategetse umukuru w’umutumba wa Mahwa guhamba ikiziga. Ariko uyo nawe yagize nk’uko Ndayisenga yoba atamubwiye mu buryo butomoye ingene yoronka canke yogura ibikoresho vyo guhamba. Igihe umwe mu bagize umuryango wa Ngabirano abajije ico kibazo Ndayisenga ku telefone, yamwishuye ko ari we yotegura iryo shingurwa : « Ndagushinze ico gikorwa. Gikore. Ni mutagikora naho mumpe amahoro. Ndafise ibindi bikorwa bindindiriye. » Iyo ncuti yamwishuye iti : « Mushobora kuvuga gute ko muri umutegetsi ariko ko mufise ibindi bikorwa bibarindiriye kandi hari umuntu yiciwe muri segiteri yanyu ? » Ndayisenga yamuciriyeko itelefone.

Iminsi ibiri inyuma y’urupfu rwa Ngabirano, umwe mu bagize umuryango yabajije indongozi yo mu rwego rw’ubutungane igituma ata mitahe irasohoka yo gufata abagirizwa urupfu rwa Ngabirano. Yishuye ati : « Mwenewacu, sinshobora gusohora iyo mitahe yerekeye urupfu (rwa Ngabirano), na musitanteri abifise mwo uruhara. Reka kwiruhisha muri ibi vyabaye. Abo bantu (bishe Ngabirano) ‘barashigikiwe’. » Uyo mutegetsi wo mu rwego rw’ubutungane yashaka kuvuga ingene Imbonerakure zishigikirwa kenshi n’indongozi z’umugambwe uri ku butegetsi kandi ko zikingirwa ikibaba n’ubutungane.

Mu nyuma, umupolisi umwe yibiye akabanga umwe mu bagize umuryango (wa Ngabirano) ko Imbonerakure zoba zarishe Ngabirano batazifashe : « Si kubera ko tutashoboye gufata abo bantu ; abo bantu ‘barashigikiwe’. »

Ku mugoroba wo kw’igenekerezo rya , Venant Manirambona, buramatari w’intara ya Gitega, yagiye i Mahwa kubaza abanyagihugu ivyoba vyarabaye ku mugoroba w’umunsi Ngabirano yicwa. Nk’uko abari hafi y’uwo muhisi babivuze, Buramatari yabwiye se wa Ngabirano kwinjira mu muduga wiwe baca bagenda kw’ivuriro. Buramatari yamubwiye ko bagiye gushingura Ngabirano. Bahashitse, umupolisi yari agendaniye buramatari yakubise ikofi uwujejwe gucungera umutekano w’ivuriro kubera yanse kwugurura umuryango w’icumba c’aho ikiziga ca Ngabirano cari kirambararaye. Uwo ajejwe gucungera umutekano w’ivuriro yaruguruye umuryango abapolisi bafata ikiziga ca Ngabirano bagishira muri wa muduga.

Uyo mu polisi n’abandi bantu batamenyekanye bashinguye ikiziga ca Ngabirano mw’itongo ry’abapfuye i Mahwa, buramatari arorera.

Ishirahamwe IDHB ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu kugira ibaze ico abategetsi boba barakoze kubw’urwo rupfu rwa Ngabirano. IDHB yarandikiye Buramatari n’umushikirizamanza wa Repuburika muntara ya Gitega n’ibibibazo kubijanye n’abagirizwa urupfu rwa Ngabirano. Buramatari wenyene ni we yishuye abaza amakuru ajanye na IDHB n’imigenderanire yoba ifitaniye na Leta y’Uburundi ; ntaco yavuze ku vyabaye. IDHB yaravugishije kw’itelefone musitanteri wa komine Ryansoro Seconde Ndayisenga, imubaza ico avuga ku rupfu rwa Ngabirano ; ntiyashatse kwishura ku kibazo na kimwe.

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Varisito Nyabenda : Yarakubiswe gushika aho apfa azira ko yagerageje gutabara uwundi muntu. Yakubiswe ku wa 13 Gitugutu 2019. Apfa ku wa 7 Munyonyo. Intara ya Ngozi.

Varisito Nyabenda

Yarakubiswe gushika aho apfa azira ko yagerageje gutabara uwundi muntu

Varisito Nyabenda, w’imyaka 22, yari afise akabare kandi yari umunywanyi w’umugambwe mukuru utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL), yaba ku mutumba Burenza, zone Nyamugari, komine Marangara, intara ya Ngozi.

Nyabenda yari yiyamirije ihohoterwa ry’umukiriya wo mu kabare kiwe yakorewe n’Imbonerakure, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi w’Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD). Uko gutabara kwonyene ni ko yazize, kuca kumuhitanira ubuzima.

Amacumi y’abanywanyi ba CNL barafashwe, barakubagurwa, bamwe muri bo baricwa n’Imbonerakure mu mezi yegereye amatora yo muri mu Burundi. Ivyabaye kuri Nyabenda vyerekana ububisha bw’Imbonerakure bw’imbere y’ikiringo cegereye amatora. Abanywanyi ba CNL baragandagurwa kuva muri n’imbere yaho – CNDD-FDD yari yamaze gutegura urubuga rwo kurwanya abakeba mu matora.

Ingorane zatanguye kw’igenekerezo rya . Ababanyi bo ku gatumba bemeje ko umurwi w’Imbonerakure z’i Burenza n’izo ku mitumba itatu yegereye, zagize inama hafi y’akabare ka Nyabenda, ziririmba amajambo yo gutera ubwoba abatavuga rumwe nabo. Umwe muri bo, Jean Havyarimana, umukuru w’Imbonerakure wo ku mutumba Runda, yahaye itegeko Imbonerakure ryo « kuja guca ibibando binini vyo gukubita umuntu wese atari Imbonerakure ». Ivyabona vyavuze ko Havyarimana yagize uruhara runini mu vyakurikiye kumwe na Déo Nahimana, umukuru w’Imbonerakure i Burenza ; Léonidas Misago, umukuru wa CNDD-FDD i Burenza akaba ari n’icegera c’umukuru w’umutumba ; n’abandi bakuru ku rwego rw’intango ba CNDD-FDD n’Imbonerakure.

Inyuma yo gushamiranirana kwabaye hagati ya Havyarimana n’umukiriya yari yanse ko basangira ku nzoga yiwe, uyundi mugabo, Simoni Kanyamirimo, yahanuye muvyara we kuva muri ako kabare kuko hari icuka kitari ciza. Kanyamirimo na muvyara we Pascal Nzobiturimana bompi ni abanywanyi ba CNL, batinya ko Imbonerakure zotangura gutera abatavuga rumwe na bo.

Havyarimana yarumvise ayo majambo ya Kanyamirimo, amubwira gusubiramwo ivyo yavuze, hanyuma amukubita ingumu mu gikiriza. Kanyamirimo na muvyara we batunzwe n’ayo bameze ariko Imbonerakure nyinshi zarabirutse inyuma zibafatira hanze. Icabona cumvise Havyarimana abwira Kanyamirimo ngo : « Ngira ndakubohe. N’ubundi uri umunywanyi wa CNL. » Imbonerakure nyinshi zaramuboheye amaboko mu mugongo, zimukubita hasi, zimutera imigere zongera zimuhonyanga mu nda no mu gikiriza n’ibirato vy’igisoda (kenshi Imbonerakure zambara impuzu z’igisoda canke z’igipolisi). Zarakubise kandi na muvyara we n’uwundi mugabo yitwa Elias Ndagijimana.

Nyabenda yari aho nyene, yaragerageje gutabara abaza igituma bariko barakubagura Kanyamirimo, yabajije ko atotanga amafaranga nimba arivyo bapfuye vyerekeye amafaranga. Hanyuma Imbonerakure zaciye zikubagura Nyabenda. Abagera kuri batanu muri bo harimwo na Havyarimana, bamusunikiye mu muvo, baramukubagura baramuboha amaboko. Kandi barasunikiye hasi umunywanyi wa CNDD-FDD, Sebasiyano Nahimana, yariko yiyamiriza ukuntu bariko barakubagura Nyabenda, baramuboshe nawe nyene baramukubita n’inkoni.

Ivyabona vyarashoboye kumenya izishika cumi mu mbonerakure zagize uruhara muri ivyo bitero, barazi amazina yazo, aho ziba n’amabanga zishinzwe mu nzengo zitandukanye z’umuhari w’urwaruka canke zo mu mugambwe CNDD-FDD. Icabona kimwe carumvise umwe mu mbonerakure kandi ajejwe amabanga mu ntwaro yigamba ngo : « Turafise uruhusha rwo kwica, nta ngorane. Tuzovuga ko yirutse aca yiseka ku giti » – amajambo yerekana ukwigamba kw’Imbonerakure zizi neza ko zitazohanwa ku bikorwa vyazo. Ababa mu micungararo yaho baragerageje gutabaza, hanyuma umukuru w’uwundi mutumba abwira Imbonerakure ngo zireke Nyabenda agende, ariko Imbonerakure zabandanije zimukubita.

Umurwi w’Imbonerakure zishika kw’icumi n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD, baherekejwe n’umukuru w’umutumba wa Burenza (umutegetsi ajejwe intwaro ku mutumba) bajanye abo bagabo batanu bakubise mu gasho k’i Nyamugari. Nyabenda yari yasinzikaye cane kuburyo vyamugora gutambuka ; Imbonerakure zarinze kumusunika no kumuterura kugirango abandanye urugendo n’ubwo yariko araboroga. Ivyabona vyamubonye inyuma gato y’ifatwa ryiwe vyavuze ko igikiriza ciwe cari cuzuye ibikomere kandi ko yavuga ko ababara cane mu gikiriza no mu nda.

Abapolisi bakora muri iryo bohero ntibari bazi ivyabaye baca babaza Imbonerakure nimba zifise umutahe wogufata abo bagabo zagomba gupfunga. Imbonerakure zishuye ko zidakeneye umutahe zica zitegeka abapolisi gupfunga abo bagabo batanu. Icabona cavuze giti : « Imbonerakure imwe ... yaje ifise impfunguruzo zako gasho, irugurura kugira ngo ibapfungiremwo. Hari abapolisi bari ku kazi ariko ntibamenye ibiriko biraba. » Iyo nyifato yerekana uburyo Imbonerakure zimwe zifata abantu mu buryo bunyuranye n’amategeko zikihanira zitabicishije ku bapolisi.

Inyuma y’imisi ibiri, Nyabenda na Ndagijimana barakuwe mu gasho, nkuko isoko rimwe ribivuga, kwari kugirango barondere amafaranga yo kwibohoza. Igiturire cariraye mu nzego z’ubutungane kandi kenshi gutanga amafaranga ni bwo buryo bworoshe bwo gupfunguza uwupfunzwe. Batatu basigaye babimuriye mu gasho ka komine Marangara, hanyuma bararekurwa.

Nyabenda yari yakomeretse cane ariko ntiyubahutse kuja kwa muganga kuko yatinya gusubira gufatwa. Kubera ko amagara yiwe yabandanije asinzikara, umugenzi wiwe yaruhiye kumutwara ku bitaro vy’i Kiremba kw’igenekerezo rya . Yacikaniyeho inyuma y’iminsi itandatu, kw’igenekerezo rya . Urupapuro rwemeza urupfu rwanditse ko yazize ibikomere no gukubitwa.

Bamwe mu bapfunzwe bakubaguwe kw’igenekerezo rya babandanije basinzikajwe n’ibikomere n’inyuma yirekurwa ryabo. Umwe muri bo yavuze ko kubera iryo kubagurwa ntashobora gukora mu murima wiwe canke guterura imifuko iremereye, amezi atatu inyuma y’ivyo vyabaye.

Ababa mu micungararo bavuze ko umukuru w’Imbonerakure i Burenza, Déo Nahimana, yagumye afise ishavu kuri Nyabenda kubera ivyabaye muri kahise aho Nyabenda yamubona akubise uyundi mugabo ikofi, yongera amwiba itelefone n’amahera vyiwe. Uwo mugabo yaritwaye imbere y’abategetsi, ashigikiwe na Nyabenda, hanyuma Nahimana yarihishijwe ihadabu.

N’inyuma y’urupfu rwa Nyabenda, Imbonerakure zakoze iterabwoba ku muryango no ku bagenzi biwe. Ku mugoroba w’umunsi bamushingura, Imbonerakure zarononye inzu ya Nyabenda ahabera ikigandaro, zaramenaguye amategura ari ku nzu, n’amadirisha n’umuryango. Ivyabona vyamenye batanu muri zo harimwo Havyarimana n’izindi zafatanije muri ico gitero cahitanye Nyabenda.

Aho bofashe abagirizwa ico gitero, abategetsi bafashe abanywanyi 17 ba CNL bari mu rugo rwa Nyabenda kuri uwo mugoroba – Umugore umwe n’abagabo 16, harimwo umukuru wa CNL wa komine Marangara. Babagirije kugaba igitero ku nzu ya Havyarimana ikaba yarononekaye nayo nyene, kugerageza kwica no gutikiza amatungo. Bamwe mu baba mu micungararo bemeje ko igitero cagabwe ku nzu ya Havyarimana cari inkinamico kugira bafate abanywanyi ba CNL.

Kw’igenekerezo rya , umugore wa Nyabenda yandikiye ikete umushikirizamanza w’i Ngozi, Alfred Franck Ngomanziza, amusaba kugira amatohoza ku rupfu rw’umugabo wiwe, gutanga imitahe ku mbonerakure zitanu, yaratanze amazina yazo, amusaba kandi no kumucungerera umutekano. Umushikirizamanza yamubwiye gutenyenya yongera amwemerera kuzomurondera.

Amezi indwi yaraheze ariko uwo mugore ntiyigeze aronka inyishu y’ikete ryiwe, n’umushikirizamanza ntiyamurondeye ; nk’uko inkuru zihari zibivuga, yoba atarugurura idosiye yerekeye urupfu rwa Nyabenda. Nta n’imwe mu mbonerakure zavuzwe n’ivyabona ko zoba zagize uruhara mw’ikubagurwa rya Nyabenda canke mu gitero cagamije ku nzu yiwe zafashwe. Ahubwo, abo bantu 17 bagirizwa gutera inzu ya Havyarimana bagumye mw’ibohero mu kurindira ko urubanza rwabo rucibwa.

Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryandikiye abajejwe amabanga muri Leta y’igihugu risaba amakuru yerekeye ingingo zafashwe ku rupfu rwa Nyabenda, ariko nta nyishu ryaronse. IDHB yarandikiye umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Ngozi imubaza n’ibibazo ku bagirizwa urwo rupfu. Umushikirizamanza yarashimiye IDHB kw’ikete « ry’akamaro » ariko ntiyigeze yishura ku bijanye n’ivyabaye.

Mu kiringo cegereye amatora yo muri , imishamirano hagati ya CNL na CNDD-FDD yarongerekanye i Ngozi, intara ivukamwo umukuru wa CNL, Agathon Rwasa n’umukuru w’igihugu yagira ave kubutegetsi, Petero Nkurunziza, yitavye Imana giturumbuka ku wa . Ikoraniro rya mbere rya Rwasa ryo kwiyamamaza mu matora ryabereye i Ngozi kw’igenekerezo rya . Imbonerakure zarakoze ivyaha vyinshi vyo guhohotera abanywanyi ba CNL i Ngozi mu mpera za no mu gice ca mbere ca . Amacumi y’abanywanyi ba CNL barafashwe muri iyo ntara mu kiringo cegereye amatora.

Varisito Nyabenda si we mu nywanyi wenyene wa CNL yahitanywe no gukubagurwa mu ntara ya Ngozi. Kw’igenekerezo rya , Nestor Nsengiyumva, umunywanyi wa CNL wo muri komine Gashikanwa yakubaguwe n’imirwi ibiri y’Imbonerakure mu kabare i Kinyovu, muri komine Nyamurenza. Ivyabona vyavuze ko Imbonerakure zamwagiriza ko yarenze itegeko yahawe n’abategetsi bo ku mutumba wa Nyamurenza ribuza abanywanyi ba CNL bo mu yandi ma komine kujayo kwugurura ingoro y’umugambwe wabo yo ku rwego rw’umutumba. Ariko si co cajanye Nsengiyumva i Nyamurenza : yari yaciye mu kabare inyuma yaho ipikipiki yiwe ipfiriye mu micungararo. Imbonerakure zakoreye iterabwoba umugabo yariko aranywa na Nsengiyumva zimubwira kuziva mu maso imbere yuko ziharura gushika kuri gatatu. Zimaze gukubagura Nsengiyumva mu kabare zamujanye hanze, zimukubitira mu nzira, hanyuma zimuta mw’ishamba ry’ibiti hafi y’umupaka ugabura komine za Gashikanwa na Nyamurenza. Yapfiriye ku bitaro vy’i Ngozi bukeye bwaho.

Imbere yuko acikana, Nsengiyumva yatanze amazina agera kuri ane y’Imbonerakure zamukubise. Ivyabona vyatanze ayandi mazina yazo menshi. Muri , umuryango wa Nsengiyumva waritwaye kuri Paraki nkuru ikukira Sentare Nkuru Isubiramwo imanza i Ngozi yatanze imitahe kuri bamwe bagirizwa kuba barakubaguye Nsengiyumva. Ariko, gushika uno munsi nta n’umwe muri bo arafatwa.

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Albert Niyondiko : Yamaze imyaka myinshi aronderwa, yicirwa imbere y’inzu y’ivyatsi. Yishwe ku wa 9 Ntwarante 2020 mu gikorwa c’igipolisi n’iperereza. Intara ya Bururi.

Albert Niyondiko

Yamaze imyaka myinshi aronderwa, yicirwa imbere y’inzu y’ivyatsi

Kw’igenekerezo rya , mu gitondo ca kare cane, Albert Niyondiko yishwe n’amasase imbere y’inzu y’ivyatsi aho yari yaraye ku mutumba Gakaranka, komine Mugamba (Intara ya Bururi).

Umwidondoro w’abishe Niyondiko n’uburyo bamugandaguye ntivyemejwe ariko ivyabona vyinshi vyemeza ko abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bafise uruhara muri ico caha. Bamaze amasaha menshi bakikuje urugo barindiriye ko Niyondiko asohoka.

Igihe bumvise urwamo rw’amasasu, ababanyi baragize ubwoba, barinyegeza. Bamwe baregereye kugira babaze ivyabaye. Abapolisi babagumije kure yaho vyabereye baca bategeka ko ikiziga ca Niyondiko gihambwa vuba, umuryango wiwe udahari. Umupolisi yaragabishije umuryango wiwe, awuhanura kutamuhamba nk’uko basanzwe babigira, kuko « uwakoze icaha ntashobora guhambanwa iteka. »

Abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bari bamaze imyaka myinshi barondera Niyondiko. Abajejwe intwaro bamukeka ko yoba ari mu murwi witwaza ibirwanisho urwanya Leta kandi ko yoba afise inkoho. Aho kumufata no kumushikiriza ubutungane igihe batora aho yari yinyegeje, baciye bamwica muri uyo mwanya nyene. N’umupolisi wo mu rwego rwo hejuru yaje yiruka aho vyabereye yarerekanye umubabaro ahageze, nk’uko icabona cumvise abwira abandi bajejwe gucungera umutekano, avuga ngo : « Ni kuki mwamwishe kandi ata kirwanisho yari afise ? Mwari kumufata ! »

Benshi mu baba kuri uyo mutumba bemeje ko bari barabonye uyo yishwe afise inkoho, bongera bavuga ko abapolisi batoye inkoho muri iyo nzu y’ivyatsi ariko ntibemeza ko Niyondiko yayikoresheje mu kwivuna. Ibihuha vyarakwijwe hose ko yoba yarakomerekeje uwujejewe umutekano canke ko yoba yarakubiswe umupanga, ariko ababanyi biwe bari bafise ubwoba bwinshi kuburyo batari gusaba amatohoza y’ingene yishwe. Igitigiri kinini c’abakozi bo mw’iperereza n’abapolisi, bamwe muri bo bakaba baje bava mu ntara ya Makamba zegeranye canke Bujumbura, bahashitse imbere n’inyuma yico gikorwa hamwe n’ihagarikwa rya benshi mu bazinanye na Niyondiko vyari bikwiye kugira bitume badakurako umunwa.

Niyondiko ntiyari umuntu wa mbere yishwe n’abashinzwe umutekano mu mezi aheze mu ntara y’ubumanuko bushira uburengero y’Uburundi ku mvo zo gukekwa ko yoba atunze ibirwanisho canke ko yoba ari mu murwi w’abarwanyi. Iyo ntara, cane cane komine Mugamba, yabayemwo amabi menshi kuva mu ntango z’ingorane za politike Uburundi burimwo. Muri , naho bitabaye mu zindi ntara zo hagati mu gihugu, amajana y’abanyagihugu barihaye amabarabara mu kwiyamiriza ingingo y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yo kwitoza ubugira gatatu.

Nk’uko vyabaye i Bujumbura, igipolisi cakoresheje inguvu z’umurengera mu kurwanya iyo myiyerekano nk’uko vyavuzwe n’Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu ; abapolisi barishe umunyeshure, bongera barafata abandi bantu benshi. Bamwe mu bariko bariyamiriza bintagondwa barakoresheje igikenye. Mu mpera za no mu ntango za , abantu bitwaje ibirwanisho baragavye ibitero vyinshi mu Mugamba, vyari bigana indongozi zo ku mutumba n’abantu bakekwa ko bakorana n’inzego zijejwe gucungera umutekano. Abo nabo bakaba barabivunye bakoresheje inguvu nyinshi, n’i Gakaranka. Muri , Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yagabishije abarwanyi bo mu Mugamba abasaba kwishikana, batabigize naho abamenyeshako bazokwibonerako. Kuva ico gihe, benshi muri bo barafashwe, barishwe canke bafashe inzira y’ubuhungiro.

Ivya Niyondiko biratandukanye. Mu myiyerekano yo muri , yari mu bari bajejwe guhimiriza abiyerekana kandi yari umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Umuhari uharanira ugufatana mu nda na demokarasi (MSD). Nk’uko amasoko menshi avyibaza, yoba yaragiye mu mirwi yitwaza ibirwanisho irwanya Leta ariko ntiyigeze akura ikirenge mu ntara avukamwo, aho yagumye aragira inka ziwe akarima n’imirima yiwe.

Kubera ko yari aziko aronderwa n’inzego z’umutekano, yagumye agerageza kutaboneka kandi yarara gake mu rugo rwiwe. Igipolisi cagerageje kumufata incuro nyinshi ariko buri gihe akabaca mu myanya y’intoke. Imbere yuko apfa, yaba mu nzu y’ivyatsi y’umudandaza wo ku mutumba kandi ni naho nyene baruhiye kumwicira.

Abapolisi n’abakozi bo mw’iperereza bamenye gute aho yinyegeje ? Amasoko amwe yemeza ko ababa mu micungararo boba barafashije abakozi bo mw’iperereza kumenya aho Niyondiko yaba. Ariko hashobora kuba ari izindi mvo zoba zatumye bamurondera. Umwe mubaba i Gakaranka yemejeko : « Iyo komine (Mugamba) yahoze ari urubuga rw’abatavuga rumwe n’abari ku butegetsi. Kubera ko yari (Niyondiko) umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta, MSD, bashaka gutera ubwoba abanyagihugu bo muri iyo ntara kugira ngo bahindure aho bahagaze (kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi). »

Muri kahise, ababa muri Mugamba no mu ma komine yegeranye barashigikiye imigambwe itavuga rumwe na Leta yarimwo abanywanyi benshi bo mu bwoko bw’abatutsi, cane cane MSD yahagaritswe muri . Abanyagihugu benshi bashigikiye kandi umugambwe w’abadasigana (UPRONA), wari ku butegetsi kuva gushika . Abakuru b’igihugu c’Uburundi batatu hamwe n’abategetsi b’igisirikare bab’abatutsi mu gihe c’intwaro y’umukazo n’igikenye ya UPRONA bava mu ntara ya Bururi. Mu misi iheze, inguvu z’imigambwe ya UPRONA na MSD zaragabanutse kandi ntigifise inguvu za politike zo guhangana n’umugambwe mukeba, CNDD-FDD, uhurikiye mwo abanywanyi benshi bo mu bwoko bw’abahutu. Ariko, iracashigikiwe cane i Bururi no mu ntara zegeranye ya Rumonge. Muri , UPRONA yatsindiye intebe zo mu nama nshingamateka muri izo ntara zibiri zonyene. Kubwo ivyavuye mu matora yo muri , umugambwe mukuru utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL), waronse amajwi menshi i Bururi kurusha mu tundi turere two mu gihugu hagati.

Urupfu rwa Niyondiko rwagabishije bimwe bikomeye uwariwe wese yohangana n’umugambwe uri ku butegetsi, ku nguvu canke mu bundi buryo, ko atazokwihanganirwa mu kiringo c’imbere y’amatora ya . Mu ntara zegeranye ya Makamba, umukomiseri w’igipolisi ku rwego rwa komine yafashe akarorero k’ivyabaye i Bururi mu gutera ubwoba abatavuga rumwe na Leta. Abantu benshi bari mu nama yagize hamwe n’abagendesha ama pikipiki kw’igenekerezo rya , bamenyesha ko Prosper Kazungu yavuze ati : « Nimutahagarika kugumukana ababatwara, muzomenya uwo ndi. Murabaza abari mu Mugamba. Bibaza ko atawoshika aho bari. Murababaza. Twarabakosoye neza cane. Ni ukwica bamwe hanyuma abandi bagaca bishora. Abashaka kwibonerako nimubigane. »

Kazungu ntiyashatse kwibutsa urupfu rwa Niyondiko rwonyene, ahubwo yashatse kwibutsa n’ibindi vyabaye mu micungararo yo mu Mugamba. Kw’igenekerezo rya , ubushikiranganji bujejwe umutekano bwamenyesheje ku rubuga rwabo rwa « tweet » ko abajejwe umutekano bishe inkozi z’ikibi zitatu muri komine Matana, hafi yo mu Mugamba – harimwo Pascal Ninganza batazira Kaburimbo, ari we barondera muri ico gikorwa. Muri , Umukuru w’Inamankenguzamateka, Reveriyano Ndikuriyo yari yavuze ko azoha imiliyoni zitanu z’amafaranga (5 000 000 FBU, zingana na ma dolari 2 590) uwuzomuzanira Kaburimbo ahema canke yapfuye, yamwagiriza kuba yatanze inyigisho za gisirikare ku batavuga rumwe na Leta. Mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya , abapolisi bishe uyundi mugabo yagirizwa kuba atunze ikigwanisho kandi atabifitiye uruhusha, Onesphore Mukamarakiza, muri komine zegeranye ya Burambi (Intara ya Rumonge).

Nk’uko amakuru dufise abivuga, abategetsi ntibakoze amatohoza yo kwerekana ko muri ivyo bikorwa hari hakenewe gukoresha inguvu zica. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abategetsi bo muri Leta y’igihugu, hamwe n’umushikirizamanza wa Repuburika na komiseri w’igipolisi mu ntara ya Bururi, ribasaba gutanga amakuru ku matohoza yoba ariko arakorwa kuri ivyo vyabaye. Nta numwe muri abo bategetsi bishuye.

Mu Burundi, ukudahanwa kw’abajejwe umutekano bakora ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu kwaratsimbataye. Naho atawujejwe umutekano n’umwe yafashwe ku bijanye n’urupfu rwa Niyondiko, abandi bantu benshi barapfunzwe ; harimwo n’umukozi wo mu nzu afise imyaka 17 yari mu nzu y’ivyatsi aho Niyondiko yiciwe, na we nyene yarafashwe kandi yarakubiswe cane. Inyuma yaho abandi baba mu micungararo bari barafashwe, harimwo n’umukuru w’umutumba wa Gakaranka, barapfunguwe. Abantu batatu, harimwo wa mukozi wo mu nzu, baracapfunzwe.

Kw’igenekerezo rya , igipolisi carahagaritse Boniface Ntaguzwa, umukuru w’umutumba wa hafi yahora ari mu gisirikare ca kera c’Uburundi, Intwaramiheto z’Uburundi (ex-FAB), kimwagiriza kuba akorana n’imirwi yitwaza ibirwanisho no kuba atamenyesheje abajejwe intwaro ko hari abantu baronderwa bari ku mutumba atwara. Mugabo, bamwe mubaba kuri uyo mutumba bemeza ko imvo nyamukuru yatumye afatwa kandi agapfungwa yoba ari uko yari umukeba mu mwanya w’akazi mu rwego rw’intwaro ku mutumba. Naho kw’igenekerezo rya , Sentare yategetse ko yorekurwa ivy’agateganyo, ariko Ntaguzwa yagumye apfunzwe gushika ku wa . Igipolisi carahagaritse abagenzi n’incuti z’abantu bishwe i Matana n’i Burambi.

Kubera hafashwe abantu benshi kandi henshi, ubwoba bwarongekerekanye mu miryango y’abakorewe ivyaha, bigatuma batinya kwitura ubutungane. Igihe Ishirahamwe IDHB ryabaza umwe mu bagize umuryango w’uwakorewe icaha nimba yarituye abajejwe intwaro, yishuye ati : « Reka ndababaze ikibazo. Twokwitwara hehe ? Abokwakira ibirego vyacu ni bo nyene bakoze iryo kubagura. Ntaho dufise tuja. »

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Fauzia Basesuwabo : Umunywanyi w’umugambwe umwe utavuga rumwe na Leta, umuvyeyi w’abana 10, yarakubiswe n’Imbonerakure gushika apfe. Yakubiswe ku wa 26 Ruhuhuma 2020. Apfa ku wa 4 Ntwarante. Intara ya Muyinga.

Fauzia Basesuwabo

Umunywanyi w’umugambwe umwe utavuga rumwe na Leta, umuvyeyi w’abana 10, yarakubiswe n’Imbonerakure gushika apfe

Igihe abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, bahiga umugabo n’abahungu biwe bazira ko ari abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Fauzia Basesuwabo yaragerageje guhunga. Imbonerakure zaramufashe ziramukubita ata mpuhwe. Ibivugwa munsi birasigura ingene ububisha bw’Imbonerakure bwavyaye urupfu rwiwe.

Abanywanyi babiri b’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) bari mu vyabo batekanye, batambuka ku nkombe z’ibarabara mu ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya aho Aloys Niyoyita batazira Gihori yabarengana ari kw’ipikipiki. Uwari ayitwaye yayihagaritse gihutihuti hanyuma Gihori atangura kubatuka atabatorera. Abita « Imbwa za CNL », abagiriza gukora inama itemewe n’amategeko yongera ababwira ko we n’izindi mbonerakure bagiye gutangura kurasa abanywanyi ba CNL.

Barateranye amajambo bahava bashira mu ngumu. Umwe mu banywanyi ba CNL yakubitishije igiti Gihori amukomeretsa ku mutwe. Abo banywanyi babiri ba CNL baciye batungwa n’ayo bameze.

Icoba catumye Gihori abatuka ntikiramenyekana. Ariko ku munsi w’imbere yaho, mu nama y’icese yabereye ku mutumba wa Jani, umunywanyi azwi cane w’Imbonerakure yabwiye isinzi ry’abantu ngo : « Tuzobirukako (abanywanyi ba CNL) gushika aho n’ibirenge vyabo bisha. N’abari mu misegetera yabo tuzobafata kandi tubavunagure. » Yongera ati aho abantu bazobona hose umunywanyi wa CNL bazomubohe kandi CNL itegerezwa kwankwa no kwirukanwa mu bibanza bihurirwamwo na bose, nk’ububare n’amasoko. Iryo toteza ryagomba rishirwe mu ngiro vuba i Jani.

Imvugo nk’iyo yari ihasanzwe n’imbere y’amatora yo mu kwezi kwa , yaragize ingaruka mbi cane. Mu ntara za kure hagati mu gihugu, iterabwoba n’amabi atandukanye vyagiye mu buzima bwa minsi yose, kandi ibindi bijanye n’ivyo bikorerwa mu misozi, kenshi biguma binyegejwe. Abarongozi bo ku rwego rw’intango – bamwe muri bo baba baragize uruhara mw’ihohotera canke batinya umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD barazi ububasha bw’Imbonerakure kandi barazi ryari bategerezwa gukora ivyo zitegetse.

Intara ya Muyinga ntitandukanye n’izindi. Akarorero : kw’igenekerezo rya , muri komine Giteranyi, Imbonerakure zakubise umunywanyi wa CNL, zisahura zikuzako inzu yiwe, zimwiba amafaranga ibihumbi amajana abiri (200 000 FBU, angana n’amadolari 105). Igihe inyuma y’iminsi ine inyamiramabi zatevye zikabaza uwakorewe icaha, ntizasa n’izitaho ivyabaye. Imbonerakure yari yakubise uwakorewe icaha yabonywe haheze iminsi iriko iranywa ibiyeri iri kumwe n’abapolisi bo ku mutumba. Uwakorewe icaha yararondeye umushikirizamanza w’i Muyinga, abategetsi bo mu butungane barumvikanye n’Imbonerakure : gushumbusha uwakorewe icaha ariko ntibahanwe. Igihe iki cegeranyo categurwa, zari zamaze gutanga igice kinini c’inshumbusho ariko nta kindi gihano zari bwacirigwe kubijanye no kumukubita.

Muri muri komine Giteranyi, Imbonerakure zaraturiye inzu y’umugore yari yararambiwe n’isabwa ritavanako ry’intererano y’amafaranga. Muri , Imbonerakure zarafashe umunywanyi wa CNL afise imyaka 35 kuko, nk’uko zabivuze : « Cari ikijuju, bashaka kumwigisha. » Kuva ico gihe, umugore wiwe ntiyasubiriye kumubona.

Igihe Gihori n’abanywanyi ba CNL batana mu mitwe mu kwezi kwa i Jani, vyavuye mwo kimwe mu bitero bikomeye cane vyabaye mu ntara ya Muyinga mu mezi atari make aheruka. Ivyo vyabaye birerekana ubukerebutsi n’ububasha bw’Imbonerakure mu kurarika bagenzi babo, n’ukubashuhura ngo bafadikanye guta ishavu ku muryango umwe gusa.

Ishavu riniga kandi amaraso agenda arava atiririka ku mutwe inyuma y’imishamirano hamwe n’abo banywanyi ba CNL babiri, Gihori yatelefonye Imbonerakure zo kuri uyo mutumba kugira ngo zihige abanywanyi ba CNL bo mu micungararo. Iyo nkuru yasanzaye mu kanya isase, hanyuma isinzi ry’Imbonerakure ryahuriye ku rugo rwa Selemani Rwasa, umunywanyi wa CNL yaba i Jani, umuhungu wiwe akaba ari mu bari mu mishamirano na Gihori.

Izindi mbonerakure zagiye kwa Sosthène Murasandonyi batazira Gahindira, aserukira CNL muri komine akaba aba hafi y’ahonyene yari yiyugaranye mu nzu yiwe kugirango yikingire. Icabona cemeje ko Murasandonyi yibazako Imbonerakure zihava zimwica, ko yitwaje agafuni kandi ko yagerageje kwivuna Imbonerakure zari zatanguye gusenyura inzu yiwe kugira ngo zimushikire.

Gihori yashitse kwa Selemani Rwasa, akurikiwe n’isinzi ry’Imbonerakure z’i Jani n’izo ku mitumba ihegereye zaje ziririmba : « Bakubite ! Bakubite ! ». Gihori yarafise umupanga n’agafuni. Mu ntango, Rwasa n’abahungu biwe baragerageje kwirwanako bakoresheje ivyo bari bafise hafi. Gihori yafashe igisate c’inkwi arwana na Rwasa yari afise umupanga yakoresha mu bikorwa vyo mu mirima.

Ivyabona vyumvise Gihori akeburira abandi ko azokwihora ku vyabaye akica abantu bashika n’imiburiburi kuri batatu bo mu muryango wa Rwasa. Izindi mbonerakure zavuze ko zizobakubita gushika aho batazobasha gusoroma ibiharage barimye.

Igihe igitero c’isinzi ry’Imbonerakure cari kirongowe n’umukuru w’umutumba (indongozi yo ku mutumba) w’i Jani, Joseph Ndayizeye, kihashitse, Rwasa n’abahungu biwe batatu barishikanye, abahungu biwe barabohwa. Icabona cemeje ko Ndayizeye yari afise ubuhiri n’inkota.

Muri ako kavuyo, Fauzia Basesuwabo, umugore wa Rwasa, afise imyaka 54, yatunzwe n’ayo yameze ajana mu mwonga. Mu nyuma, yabwiye umubanyi wo mu micungararo ko Imbonerakure zamufashe, zimwe zashatse kumurekura ariko zibiri muri zo, Jean Nshimirimana batazira Nzabampema na Innocent Cinyeretse, ziranka. Nzabampema yamubwiye ati : « Naho abandi bokureka, jewe ndagukorerako gushika upfe. » Zaramukubise cane n’ibihiri mu mafyigo, mu mbavu no mu gikiriza. Zihejeje kumukubita, Nzabampema yaramuherekeje iwe.

Icabona cavuze uko ibintu vyagenze kwa Rwasa : « Imbonerakure zari zifise ibihiri n’intsinga z’umuyagankuba zakoresha nk’ibimoko ; zari zifise imigozi nk’irya babohesha imizigo ku makinga. Umwe muri zo yari afise inkota, uwundi nawe Iddy (Niyonzima), aserukira CNDD-FDD i Jani yari afise urubaho ruteyeko imisumari. Uwundi muntu wo muri uyo murwi yari afise ishoka. »

Zimwe mu mbonerakure, na Ndayizeye, barakubise Rwasa n’abahungu biwe batatu. Ndayizeye yaretse kubakubita igihe yitaba itelefone. Umwidondoro w’uwamuhamagaye ku telefone nturamenyekana. Ariko igihe ahejeje kwitaba, yavuze ko abapolisi bari mu nzira, aca abwira Imbonerakure ngo : « Nimwaba mushaka ko nguma ndi umukuru w’umutumba, ntimubakubite ku mutwe. »

Abapolisi babiri baje kw’ipikipiki bategeka kubohora amaboko y’abagabo bari baboshwe. Bagiye bajanye Imbonerakure zibiri, Ndunguye na Saduni Gahungu n’abanywanyi babiri ba CNL, Sosthène Murasandonyi n’umudandaza wo ku mutumba yitwa Jean Claude, baca babarungika mu gasho k’igipolisi i Muyinga. Nk’uko vyavuzwe n’isoko rimwe ryari rifise inkuru z’imvaho zo ku mutumba, Jean Claude yari afitaniye amatati y’amatongo na Gihori, iyo ni yo mvo ishobora kuba yatumye afatwa.

Basesuwabo yashitse iwe inyuma yo gukubitwa, imbere yuko abapolisi bahashika. Kubera ko atava amaraso kandi ntagire n’ibikomere biboneka, abo bapolisi babiri babonye ko atari ngombwa ko bamujana kw’ivuriro. Bategetse abagendesha ipikipiki gutwara kw’ivuriro Rwasa n’abahungu biwe batatu bari bakomeretse cane. Nk’isaha zitatu z’ijoro, rusehabaniha yarabimuye ibavana kw’ivuriro ibajana ku bitaro vy’ akarere ku buvuzi.

Muri iryo joro nyene, Basesuwabo yagerageje kugenda n’amaguru ibilometero bitatu kugira ashike kw’ivuriro ariko ububabare yari afise bwari ikirenga gushika aho atashoboye guheza urwo rugendo canke gusubira iwe. Yaciye arara yitunye mu bitoke. Bukeye, incuti yiwe yaramwishigikije iramuherekeza gushika kw’ivuriro aho yahawe ibinini bikeyi.

Kw’igenekerezo rya , musitanteri wa komine Gasorwe, Jean Claude Barutwanayo, yagirishije inama y’umutekano hamwe n’abanyagihungu i Jani. Umuntu yari muri iyo nama yavuze ko musitanteri yashimiye Imbonerakure ku bikorwa zakoze ; ivyo abanyagihugu babifashe ko ari ukuzishimira ku gitero zagamije kuri Rwasa n’umuryango wiwe. Yahimirije Imbonerakure kubandanya zikora ata bwoba kandi atagukekeranya.

Muri ico gihe, Basesuwabo yagumye asinzikara. Kw’igenekerezo rya , yasubiye kw’ivuriro, ararayo ariko ntiyavuwe neza. Yaratashe iwe amagara yongera kumukika. Yapfuye kw’igenekerezo rya . Nk’uko umwe mu ncuti ziwe abivuga, « Nta ngorane n’imwe yarafitanye n’umuryango wiwe canke n’ababanyi. Yakunda umugambwe (CNL). »

Inyuma y’urwo rupfu, umukuru w’umutumba, Joseph Ndayizeye yagiye kw’ivuriro gusaba uwavuye Basesuwabo kwandika ko yishwe na malaria. Uyo muvuzi yaravyanse. Mu nama y’icese, Ndayizeye yaragabishije ababa i Jani ko uwuzohirahira akavuga ko Basesuwabo yakubiswe gushika apfe « ko azomuzimanganya ». Yategetse bose kuvuga ko yishwe na malaria.

Indwi zishika zibiri inyuma y’ico gitero, igipolisi carekuye za mbonerakure zibiri zari zipfunzwe. Cyprien Sinzotuma, umunyamabanga wa CNDD-FDD ku rwego rw’intara, yazihaye umwumwe ibiro 25 vy’umuceri. Muri kahise, Sinzotuma yavuze amajambo aca inkokora abo batavuga rumwe. Muri , nk’uko vyavuzwe mu binyamakuru, yabwiye Imbonerakure ko « bazoshishura uruhu rw’abansi b’u Burundi baruhe ibisiga » kandi ko « bazobakona ».

Haheze iminsi mikeya, Jean Claude Barutwanayo yashimiye mu nama y’icese, Imbonerakure yitwa Ndunguye, mw’ijambo yavuze ryerekeye ibitero vyagabwe kuri Rwasa na Murasandonyi. Nk’uko umuntu yari muri iyo nama abivuga, yise Ndunguye incungu yagiye « ku rugamba kandi ararutsinda ku buryo bunezereje. » Musitanteri yamuhimirije kubandanya akora gurtyo nyene.

Rwasa n’abandi bakomerekeye muri ico gitero bagiye kuraba buramatari w’intara ya Muyinga kw’igenekerezo rya , ariko ntibashoboye kumuronka. Mu kibanza ciwe, bakiriwe n’Umujenama wa Buramatari ari kumwe na Barutwanayo. Nk’uko uwufise amakuru kuri iyo nama yavyemeje, Barutwanayo yabwiye abanywanyi ba CNL gutaha iwabo canke guhungira mu Rwanda canke muri Tanzaniya, ivyo bihugu bibiri bikaba bihana imbibe n’intara ya Muyinga. Haciye iminsi itatu, Barutwanayo yagirishije inama Rwasa, Gihori na Ndayizeye, umukuru w’umutumba. Barutwanayo yoba yaravuganye n’indongozi zo hejuru ku vyerekeye ico kibazo, yabwiye Rwasa ko ashobora gutaha i Jani kandi ko azocungera umutekano wiwe. Yongeye amusaba kuvavanura burundu na CNL no kwinjira muri CNDD-FDD.

Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ico abategetsi bakoze kubw’urupfu rwa Basesuwabo. IDHB ryarandikiye kandi Buramatari n’Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga rimubaza n’ibibazo ku bagirizwa ico caha. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye. IDHB yarahamagaye kuri telefone Yozefu Ndayizeye, umukuru w’umutumba wa Jani, kugira agire ico abivuzeko. Yamenyesheje ko ataco yovuga ku bibazo bijanye n’agateka ka zina muntu aca abwira IDHB guhamagara kuri komine.

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Désiré Ntahondabasigiye : Yaguye imbere y’umuryango wiwe. Yishwe ku wa 12 Kigarama 2019 n’Imbonerakure. Intara ya Bujumbura.

Désiré Ntahondabasigiye

Yaguye imbere y’umuryango wiwe

Désiré Ntahondabasigiye yaserukira ku rwego rw’intango, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL), umugambwe utavuga rumwe na Leta, muri komine ya Nyabiraba, intara ya Bujumbura. Yari yubatse kandi afise abana batanu. Igihe agandagurwa n’abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, kw’igenekerezo rya ku rugo rwiwe ku musozi Musenyi, muri zone Nyabiraba, umugore wiwe yari yibungeze umwana agira gatandatu.

Kw’igenekerezo rya , mu gitondo, Désiré Havyarimana, umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi – Inama y’igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro Rusangi (CNDD-FDD) – muri komine Nyabiraba yabwiye abadandaza babiri nabo nyene ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ko Ntahondabasigiye yegeranya intererano y’amafaranga ya CNL kandi ko ayandika mu gatabo. Kugirango abeshuze ico gihuha, Ntahondabasigiye yahereje umwe muri abo badandaza agatabo kamwe yandikamwo amafaranga aronka mu rudandaza rw’inzoga z’ikirundi yakora afadikanije n’umugore wiwe yongera amusaba kukereka Havyarimana.

Iyo ngingo ntiyashoboye gukura amakenga ajanye n’ivyo bihuha. Mu nyuma, kuri uyo munsi nyene, abagenzi baraciriye agace Ntahondabasigiye, bamuhanura kwitonda kandi bamubwira ko ashobora kugirirwa nabi.

Ku mugoroba w’uyo munsi nyene, hagati y’isaha imwe n’inusu n’isaha zibiri z’ijoro, amasase menshi yararashwe aca mw’idirisha ry’inzu ya Ntahondabasigiye aho yariko arafungura ari kumwe n’umugore n’abana biwe. Ayo masase yahitanye Ntahondabasigiye : yacikanye inyuma yaho gato. Abana n’umugore ntaco babaye.

Icabona kimwe cabonye Imbonerakure yitwa Jean Marie Ntagahoraho, umubanyi wa hafi, afise inkoho iri kw’idirisha akanya gato imbere yuko ayo masase araswa, uwundi mubanyi yabonye Mélance Ntakarutimana, iyindi mbonerakure, hafi y’inzu, nawe nyene afise inkoho. Imbere gato y’igitero, uyundi mubanyi yabonye Jean Marie, Mélance n’izindi mbonerakure zitatu – Shirira, Ndori na Didier – bagenda bagana ku nzu ya Ntahondabasigiye (Imbonerakure zizwi cane cane ku mazina yabo y’amatazirano canke y’ubuhizi). Ababanyi bo ku mutumba bari bazi neza izo mbonerakure.

Ukuntu iryo gandagurwa ryari ryatunganijwe kwatumye ibinyamakuru vyo mu Burundi bikurikirana iyo nkuru, kandi n’abantu isinzi baraherekeje uyo muhisi umunsi wo kumushingura. Ariko naho haheze amezi atandatu ivyo bibaye, abagirizwa urwo rupfu baracidegemvya.

Bukeye bw’urwo rupfu, Mélance yarafashwe ariko yapfunguwe haheze indwi zibiri. Umubanyi wo ku mutumba yavuze ko Imbonerakure imwe yaje mu modoka kumutora mw’ibohero ryo mu Kabezi umunsi wo kumupfungura. Kuva ico gihe, ntibasubiye kumufata. Umukozi wo mu bushikirizamanza yaratanguje amatohoza ariko gushika ubu nta wundi muntu arafatwa ku vyerekeye urwo rupfu, kandi bisa n’uko ayo matohoza yahebwe. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abajejwe amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ingingo zoba zarafashwe n’abategetsi ku vyerekeye igandagurwa rya Ntahondabasigiye. IDHB yarandikiye n’Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bujumbura, imubaza ibibazo ku bagirizwa ubwo bwicanyi. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye.

Mu minsi n’indwi vyakurikiye urupfu rwa Ntahondabasigiye, batatu mu mbonerakure zari zabonywe hafi y’inzu y’uwo muhisi ku mugoroba w’umunsi bamugandagura – Mélance, Ndori na Didier – barakoresheje iterabwoba ku muryango wiwe baranabagabisha ko bazobica nibabandanya bakurikirana urwo rubanza.

Ntahondabasigiye yari yaratewe ubwoba incuro nyinshi imbere yuko yicwa kubera ibikorwa vya politike yakora nk’uwutavuga rumwe na Leta. Inyuma yo kuja mu myiyerekano yo guhakana ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza muri , yarahunze Uburundi. Inyuma y’imyaka igera kuri ibiri yaratahutse, yarafashwe arongera arapfungirwa mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura ; yapfunguwe muri Ndamukiza . Imbonerakure zagumye zimutera ubwoba kuva apfunguwe.

Amezi ashika abiri imbere y’urwo rupfu, Havyarimana yarateye ubwoba Ntahondabasigiye inyuma yaho yanse guha CNDD-FDD intererano y’amafaranga. Havyarimana ari kumwe n’Imbonerakure yitwa Shirira yamubwiye ko bamufise mu minwe yabo. Umubanyi wo ku mutumba yaributse ko yari kumwe na Ntahondabasigiye iminsi mike imbere y’urupfu rwiwe aho Havyarimana yaca imbere yabo akabwira Ntahondabasigiye ngo : « Ndagufise mu minwe nk’irigi. »

Imvo nyezina yo kwicwa kwiwe ntiremezwa. Ariko, ababanyi bo ku mutumba n’ayandi masoko yari hafi y’ivyabaye bibaza ko yoba yazize ibikorwa vyiwe yagize mu batavuga rumwe na Leta kandi ko Havyarimana yoba afise uruhara mw’itegura ry’ubwo bwicanyi. Havyarimana yarahakanye yivuye inyuma ivyo birego : « Ni ibinyoma », nkuko yavuze kw’igenekerezo rya . « Hari haheze indwi yose ntamubonye (Ntahondabasigiye). Mu gitondo c’urupfu rwiwe, nariko ndaraba aho bandika abatora. Navuye muhira hakiri kare cane ntaha hafi y’isaha cumi zo ku muhingamo. Sinigeze mpura n’uwo Désiré. »

Ku bijanye n’ivyagirizi bivuga ko Imbonerakure Mélance, Jean Marie na Shirira boba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi, Havyarimana yishuye ati : « Ndazi Shirira ... Nari kumwe nawe umunsi wose. Igihe c’iryo gandagurwa nari kumwe nawe ... Ni imvo za politike. Bashaka kwikura gusa abategetsi bo muri CNDD-FDD. Haheze igihe kinini ntabona Jean Marie. Sinzi imvo z’ubwo bwicanyi. Sinzi naho uyo Désiré aba. Ndemeza ko Shirira atamuzi. Burya mu ntango, nibaza ko yiyahuye. Rondera (inyishu) mu muryango wiwe. » Yarahakanye ivyaha aregwa vyo kuba yaragiriye iterabwoba uwo muhisi mu gitondo caho yicwa : « Sinigeze mbonana na Désiré Ntahondabasigiye ... Ntituvugana. »

Intara ya Bujumbura (yahora yitwa Intara ya Bujumbura rural) yaramaze igihe kire kire ari urubuga rwa CNL. Mu gihe c’indwano mu Burundi hagati y’imyaka na , Umugambwe uharanira ukubohoza ubwoko bw’abahutu-Umuhari w’igihugu wo kubohora (PALIPEHUTU-FNL) – umurwi urwana wahindutse umugambwe, FNL, hanyuma uhindura izina ukitwa CNL muri  – warakoresheje iyo ntara nk’icicaro cawo gikuru, wongera uratera kenshi igisagara ca Bujumbura. Inyuma yo gusubiza mu buzima busanzwe aba FNL, n’ukuwemera nk’umugambwe muri , iyo ntara yabandanije kuba urubuga rw’ivyuka bibi n’indyane za politike. Abajejwe umutekano n’Imbonerakure barondera cane cane abanywanyi ba FNL ubu naho aba CNL. Kuva mu ntango y’ingorane za politike mu Burundi muri , abanyagihugu bo muri iyo ntara, baramenyesheje kenshi ko iyo ntara isigaye irangwa n’ivyuka bibi vya politike n’ubwicanyi.

Mu gice ca kabiri ca , haravuzwe imishamirano hagati y’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye n’igipolisi n’igisirikare mu ma komine ya Kanyosha na Nyabiraba. Abanywanyi benshi ba CNL barafashwe mu nyuma y’ivyo vyabaye. Bikaba, nk’uko bivurwa n’amasoko amw’amwe, yari inkinamico z’abarongozi kugira bazagirize CNL kandi bagabanye inguvu z’abakeba babo bakuru imbere y’amatora. Imbonerakure zaragize uruhara muri ivyo bitero vy’inkinamico bakigira abarwanyi. Amasanamu ateye ubwoba ya bamwe muri abo biyita abarwanyi boba barishwe yaratembereye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Haheze indwi nkeya, kw’igenekerezo rya , Méthuselah Nahishakiye, umukuru wa CNL ku mutumba Migera, komine Kabezi, yarapfuye arashwe hafi y’isaha zibiri z’ijoro hafi y’urugo rw’abavyeyi biwe aho yaba. Yari afise inguma nyinshi z’amasase ku maguru, ku maboko, mu nda, mu gikiriza, no mu maso. Umwidondoro w’abakoze ivyo vyaha nturamenyekana.

Mu ndwi z’imbere yaho, Nahishakiye, afise hafi imyaka 25, yari yahunze inzu yiwe mu nyuma yaho akorewe iterabwoba n’Imbonerakure n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD bo kuri uyo mutumba boba batanezerezwa n’ibikorwa vyiwe vyo guhimiriza abantu ngo binjire muri CNL. Umugenzi wiwe yavuze ko, umunsi wo kumufuba, Imbonerakure zari kw’ipikipiki zarakurikiye abagiye guhamba zirabacamwo ziririmba amajambo y’iterabwoba.

Abantu 12, benshi muri bo bakaba abanywanyi ba CNL, barafashwe bongera barabazwa inyuma y’iryo gandagurwa. Umunani muri bo barekuwe kw’igenekerezo rya , abandi bane babimuriye mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura. Iryo fatwa rikwirikira inzira yo guhohotera agateka ka zina muntu k’abanywanyi ba CNL : abategetsi barafata kenshi abandi banywanyi ba CNL, ku mvo kenshi zidafaditse, kandi abanywanyi ba CNDD-FDD bavuzwe n’ivyabona ko ari bo bakoze ivyo vyaha ariko ntibahanwe n’ubutungane.

Mu kwezi kwa , umunywanyi wa CNDD-FDD yibiye akabanga avuga ko inyamiramabi yahaye uwushinzwe intwaro ku rwego rw’intango impapuro z’imitahe zitujujwe kugira zuzuzweko amazina y’abanywanyi ba CNL bo ku kumutumba wiwe. Amacumi y’abanywanyi ba CNL barafashwe mu ntara ya Bujumbura mu bihe vyegereje amatora, kenshi mu buryo bunyuranye n’amategeko mu gihe Leta yariko irarondera gutuza ibikorwa vya CNL imbere y’amatora.

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Richard Havyarimana : Ikiziga ciwe catowe mu ruzi, iminsi itatu inyuma yo kunyuruzwa. Yanyurujwe ku wa 4 Rusama 2020. Ikiziga ciwe catowe ku wa 7 Rusama. Intara ya Mwaro.

Richard Havyarimana

Ikiziga ciwe catowe mu ruzi, iminsi itatu inyuma yo kunyuruzwa

Igihe umuryango wa Richard Havyarimana wateba ugatora ikiziga ciwe kw’igenekerezo rya , ubwoba wari ufise bwavuyemwo umubabaro ntangere – Havyarimana yarishwe, ikiziga ciwe gitabwa mu ruzi. Umuryango warondeye Havyarimana iminsi itatu inyuma y’aho abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, rumukubaguye, rukamunyuruza rumukuye iwe ku musozi wa Mbogora, komine Nyabihanga (Intara ya Mwaro).

Mu kiringo c’amezi y’imbere y’amatora yo kw’igenekerezo rya yo mu Burundi, Imbonerakure zarateye ubwoba incuro nyinshi Havyarimana, uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) i Mbogora. Iminsi mike imbere y’uko anyuruzwa, Imbonerakure imwe yamubwiye ngo : « Ndabona ko udashaka guhindura umugambwe. Iyo ni ingorane ... Ukaba udashaka guhindura, ndashobora guhamagara (umuntu) ari ku rwego rwo hejuru kandi barashobora kuguhana. » Havyarimana yishuye ko adakunda umugambwe uri ku butegetsi witwa Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD). Yafashe minenerwe ayo majambo y’iterabwoba, yibaza ko ari ukujajura.

Imbonerakure zari mu myiyamamazo i Mbogora kw’igenekerezo rya , zihamagarira ababa ngaho gutora CNDD-FDD. Zari ziherekejwe na Pamphile Bigirimana, umuhungu w’umukuru w’umugambwe i Nyabihanga, yabajije aho inzu ya Havyarimana iri. Bigirimana yari ku rutonde rw’abitoza muri CNDD-FDD mu matora y’abashingamateka ku rwego rw’intara, ariko nta ntebe yaronse.

Muri iryo joro muma sasita, imodoka yarahagaze i Mbogora, abantu benshi bayivamwo bagenda bagana kwa Havyarimana. Baramenye idirisha n’umuryango. Bane muri bo binjiye ku nguvu, abandi bagumye hanze bacungera.

Ababanyi baciye bavyuka ubwo nyene bumvise Havyarimana n’umugore wiwe bavuza induru ngo « Dutabare ! Hari ibisuma ngaha. » Umwe mu bari muri ico gitero yishuye ati : « Ntituri ibisuma, turi abajejwe iperereza. » Ababanyi bihutiye kuja kwa Havyarimana, ariko abagabo bari hanze barababujije kwegera. Bamwe muri bo bari bambaye amakoti y’igipolisi kandi bari bafise ibirwanisho bicira umuriro. Umwe muri bo yaragabishije ngo : « Turarasa uwariwe wese yegera. »

Igihe babiri muri abo bagabo bane binjira ku nguvu mu nzu bamenyekanye, vyaragaragaye ko batari bazanywe n’ukwiba udufaranga duke Havyarimana yakuye mu rudandanzwa rw’inzoga z’ikirundi canke rw’ivyo yimbuye. Dieudonné Nsengiyumva batazira Rwembe, umukuru w’Imbonerakure muri komine Nyabihanga, na Boris Bukeyeneza, iyindi mbonerakure, bari baje kunyuruza Havyarimana. Umugore wa Havyarimana yarabatakambiye kugira ngo bamureke, abereka uruyoya rwabo rw’amezi atatu yibaza ko bagira ikigongwe.

Ababanyi babonye abagabo bakwegera Havyarimana ku modoka, babanje kumwambika amapingu no kumukubita mu maso. Imodoka yagiye nk’umuravyo mw’ibarabara rikuru igana i Gitega, umurwa mukuru w’igihugu.

Haciye hatangura ironderwa ryihuta ryakozwe n’umuryango wa Havyarimana. Wabanje kuronderera mu busho bw’igipolisi bwo mu micungararo – iherezo rya benshi mu majana y’abanywanyi ba CNL bafashwe muri aya mezi aheze, hanyuma umuryango wamenyesheje igipolisi ivyerekeye Imbonerakure zagize uruhara muri iryo nyuruzwa. Uwuba mu micungararo yavuze ko umupolisi yemeje mw’ibanga ko izo mbonerakure zibiri zabigizemwo uruhara kandi ko yashoboye kumenya umwidondoro wa nyene imodoka zakoresheje : Oscar Ndayizeye batazira Romeo, umunywanyi wa CNDD-FDD wo ku mutumba kandi akaba ari umudandaza.

Ariko, igipolisi carirengagije abagisavye incuro nyinshi kuzihagarika. Umuryango wa Havyarimana warababajwe n’ukubona izo mbonerakure zibiri zitembera mu mw’idegemvyo nta ngere i Nyabihanga kandi zija mu myiyamamazo y’amatora ya CNDD-FDD. Komiseri w’igipolisi wo ku rwego rwa Komine yemeje ko bidashoboka guhagarika abikekwako ivyaha mu gihe amatohoza akiriko arakorwa. Musitanteri wa komine Nyabihanga, Adrien Ntunzwenimana, yagirije abanywanyi ba CNL ko ari bo batera akajagari kandi yemerera umuryango wa Havyarimana ko ari mukugaruka vuba.

Umuryango wabandanije urondera, wizeye gutora Havyarimana, ari muzima canke yapfuye. Igihe ababa ku mutumba wo mu micungararo ya Kibogoye bawumenyesha ko babonye imodoka iteye amakenga kandi ko bumvise induru hafi y’uruzi Ruvyironza mw’ijoro ico gitero cabayemwo, umuryango wa Havyarimana waciye uronderera cane cane ku nkobe. Mu minsi ikurikira, abantu benshi barabamenyesheje ko babonye ikiziga kireremba ku ruzi, ariko ntibongeye gusubira kukibona.

Mu nyuma, kw’igenekerezo rya , ababa ku mutumba wa Muyebe bamenyesheje umuryango ko hari ikiziga cazibiwe n’igiti aho uruzi Ruvyironza ruca hagati ya Nyabihanga na komine Giheta mu ntara ya Gitega. Abo mu muryango wa Havyarimana barakweze ikiziga bagikura mu mazi bagishira ku nkombe.

Cari ikiziga ca Richard Havyarimana. Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarashoboye kubona amafoto yerekana inguma zimburutse ku mutwe. Nk’uko ivyabona vyabivuze, bisa nk’uko yoba yaracumiswe inkota mu gikiriza. Nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bantu bafashije gukura ikiziga mu mazi : « Vyari biteye ubwoba kubiraba. » Kubera ko ikiziga cari catanguye kwononekara, umuryango wahisemwo kugifuba uyo munsi nyene.

Umuryango waciye ubimenyesha abategetsi bo ku mutumba. Inyamiramabi yarahashitse kugira ngo ivyihweze. Musitanteri yavuze ko adashobora kuza kuko afise akazi kenshi, aca arungika umukozi wo ku rwego rwo hasi. Nta n’umwe muri abo barongozi yaje guhamba – benshi muri bo bariko baranywa mu kabare kari hafi y’itongo ry’abapfuye. Igihe umuryango waje muri ako kabare, inyuma yo guhamba, abarongozi bo ku mutumba baciye bagenda ata jambo ryo guhoza bavuze, nk’uko umengo ntacabaye.

Muri aya mezi aheze, incuti nyinshi z’abanywanyi ba CNL zamenyesheje Ishirahamwe IDHB ko abandi bantu bagiye mazimayongo. Nk’uko vyabaye ku muryango wa Havyarimana, babanje kwitura abategetsi b’inzego z’intango hanyuma baja kuronderera mu busho, bafise icizere co kumenya ivyashikiye ababo. Bamaze kubona ko baburaniwe, hakurikiye igihe kirekire c’amaganya. Bamwe mu banywanyi ba CNL batowe mu busho, ariko abandi benshi bagiye mazimayongo, abandi batowe ari ibiziga.

Hagati ya na , amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi yamenyesheje ko hatowe ibiziga bishika kuri 51 mu gihugu cose. Kenshi, ntawuzi ko boba bazize imvo za politike. Bimwe muri ivyo biziga vyatowe mu biyaga canke mu nzuzi canke mu micungararo. Aho botegetse ko haba amatohoza, abarongoye inzego z’intango kenshi bategeka guhamba gihutihuti, naho abapfuye baba bafise ibimenyetso vyerekana ko bahohotewe.

Guta ibiziga mu nzuzi no mu biyaga vyamye bikoreshwa muri kahise k’Uburundi karanzwe n’iseseka ry’amaraso n’ubu muri bikaba bibandanya, nk’uko biboneka mu vyabaye kuri Havyarimana. Ibindi nk’ivyo vyarashikiye umwe mu rwaruka rwa CNL wo muri komine Bweru (intara ya Ruyigi), yabwiye Ishirahamwe IDHB ko muri Imbonerakure zamutaye mu ruzi zibaza ko yapfuye inyuma yo kumukwega amagara no kumukubita zikoresheje umunyororo w’ikinga. Yaragumye mu ruzi arindiriye ko Imbonerakure zigenda, hanyuma aca atungwa n’ayo yameze.

Ni gake abagirizwa ivyaha bikomeye nk’ivyo vyo guhungabanya agateka ka zina muntu, bahanwa. Ariko mu muryango wa Havyarimana, hoba hariho icizere. Inyuma y’itorwa ry’ikiziga ca Havyarimana, igipolisi carafashe Bukeyeneza na Nsengiyumva, Imbonerakure zibiri zoba zaragize uruhara mw’inyuruza. Umuryango warituye umushikirizamanza, uyo nawe akaba yarumvirije ivyabona vyinshi.

Incuti za Havyarimana zirafise ubwoba yuko abo babiri bagirizwa ico caha bashobora kurekurwa kubera ukuntu abanyepolitike b’ubu bisuka mu manza nk’izo. Umuntu umwe azi ivyerekeye urwo rubanza yamenyesheje Ishirahamwe IDHB ati : « Twarashikirije ibirego, ariko ntituzi ko tuzotunganyirizwa canke ko abo bantu batazorekurwa vuba. »

Ishirahamwe IDHB ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ico abategetsi bakoze kubw’urupfu rwa Havyarimana. IDHB yarandikiye kandi Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Mwaro rimubaza ko abandi bantu boba bafise uruhara muri urwo rubanza boba barumvirijwe canke ko bafashwe, nka Bigirimana, yariko ararondera inzu ya Havyarimana umunsi bamunyuruza, na Ndayizeye yoba ari nyene imodoka yoba yakoreshejwe mu kumunyuruza. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye.

Umubanyi wa Havyarimana yavuze ko abagirizwa urupfu rwa Havyarimana n’ubundi bwicanyi bufise imvo za politike bakwiye gukurikiranwa kugirango babuze ko ibikorwa vy’ububisha bibandanya muri kazoza : « Turakeneye ko ivyaha bihanwa. Bitabaye gutryo, n’abandi bazopfa. »

Mushobora kubikura ngaha kuri iki kiraro mu ndimi z’ikirundi, igifaransa n’icongereza.

Mwipfuza kumenya vyinshi ku rukurikirane, soma « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta ».

Initiative pour les droits humains au Burundi ni iki ?

L’initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ni umugambi wigenga w’agateka ka zina muntu, ufise intumbero yo kugira ubushakashatsi kubijanye n’agateka ka zina muntu, ariko ugashimangira kubijanye n’ amatora yo muri . IDHB yipfuza gushira ahabona imvo ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kugira ishobore kugira ububiko bwizewe buzoshobora gufasha Abarundi gutunganirizwa no gutorera inyishu ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Inyandiko za IDHB zirihweza kandi ibihe vya politike n’imibano iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu riba ryabereyemwo, kugirango ifashe gutahuza gose kandi neza intumbero y’agateka ka zina muntu mu Burundi.

IDHB nta mugambwe numwe irimwo. Amatohoza yayo yerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa na Leta y’Uburundi, hamwe n’amabi akorwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho itavuga rumwe na Leta.

IDHB irongowe na Carina Tertsakian, Lane Hartill na Thijs Van Laer, arinabo bashakashatsi bakuru. Haraheze imyaka myinshi bakora kubijanye n’agateka ka zina muntu muri Afrika, mu Burundi no mu karere k’ibiyaga binini. Ivyegeranyo vya IDHB ni icamwa c’ugufashanya n’imigwi y’abantu, bari mu Burundi no hanze y’Uburundi.