L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Jean Bosco Ngabirano : Indongozi ku rwego rw’intango yategetse urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi kugandagura umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta. Yishwe ku wa 29 Ntwarante 2020 n’Imbonerakure. Intara ya Gitega.

Jean Bosco Ngabirano

Indongozi ku rwego rw’intango yategetse urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi kugandagura umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Leta

Kw’igenekerezo rya , Jean Bosco Ngabirano, umunywanyi w’umugambwe Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) yari yicaye mu kabare muri zone Mahwa mu ntara ya Gitega igihe abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ari bo Imbonerakure rwari rwicaye ku meza zari hirya gatoyi rutangura kuririmba indirimbo zihayagiza umugambwe uri ku butegetsi. Ngabirano n’abo bari kumwe babishuye nabo n’indirimbo za CNL.

Inyuma y’amasaha make niho Seconde Ndayisenga, musitanteri wa komine Ryansoro (umurongozi mukuru wo k’urwego rw’intango), yahashika hanyuma icuka kibi kirongerekana. Imbonerakure zabwiye musitanteri ko Ngabirano ari umusuma kandi ko ari mu batera akajagari mu ntara begeranye ya Bururi. Umwe mu bari ngaho mu kabare yavuze ko musitanteri yabwiye Ngabirano ngo amwegere kandi vyaboneka ko batariko bishurana neza. Ivyo bavuze ntibizwi.

Nk’uko bivugwa n’uwabiboneye tugafatira no kuvyavuzwe no mu binyamakuru, mu nyuma, musitanteri yahaye itegeko umupolisi ryo « kurasa iyo mbwa », avuga Ngabirano. Ngabirano yatunzwe n’ayo yameze ahunga akurikirwa n’uyo mu polisi. Uyo mupolisi yaciye asubira kuri ka kabare avuga ko atashoboye kumurasa. Nk’uko ayo masoko y’iyo nkuru abivuga, Ndayisenga yabwiye Imbonerakure zari muri ako kabare gufata no kwica Ngabirano.

Uburyo Imbonerakure zafashe Ngabirano ntibuzwi. Umwe mu batanze amakuru yemeje ko bazibiye amabarabara yari hafi y’ako kabare bongera bafatira Ngabirano ahantu hitwa « ku kabishato » i Mahwa.

Umugabo yoba afise imyaka 60 yavuze ko yaciye imbere y’Ishure ryigisha umwuga wo kurima ry’i Burundi (ITAB) i Mahwa hanyuma yumva induru. Yavuze ko yumvise umuntu avuga ngo « Mwararahiye ko muzokwinjiza abenegihugu bose b’i Mahwa muri CNL. Biraheze. Ntimuzobishikako. » Hanyuma, abasore babiri baramwegera. Avuga ati « Bantegetse gupfukama ... Umwe muri bo yari afise imbugita, uyundi yari afise icumu. Bantegetse kuhava bambwiye ngo niruke. » Imbonerakure zarabujije abahita kwegera aho hantu.

Mu kiganiro c’Ijwi ry’abanyagihugu (RPA), kw’igenekerezo rya , Elie Nimubona, umwe mu barongoye Imbonerakure i Mahwa, yoba yari muri ico gitero, yavuze ko Ngabirano atishwe ku mvo za politike. « Ntibamufate nk’umunywanyi wa CNL. Ahubwo nibemeze ko yari igisuma. Ntiyazize ivyiyumviro vyiwe vya politike. »

Mugabo, umwe mu barongoye CNL mu nzego zo hejuru, yemeje imbere y’Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ko Ngabirano yari umunywanyi wa CNL.

Amasoko abiri atandukanye kumwe n’amakuru yatanzwe n’ikinyamakuru kimwe batanze amazina y’Imbonerakure zoba zari muri ico gitero cagamijwe kuri Ngabirano. Nabo ni : Nimubona, Donatien Ciza, Vianney Manirakiza, Gode Ntigoheka, hamwe n’umugabo yitwa Bienvenu. Icabona kimwe cemeje ko cabonye izo mbonerakure ziriko ziriruka zikurikira Ngabirano.

Bukeye, abanyeshure batoye ikiziga ca Ngabirano hafi ya ITAB. Nk’uko vyavuzwe na bamwe mu muryango wa Ngabirano hamwe no mu binyamakuru, ikiziga ca Ngabirano coba cari carahimbuwe ibihimba bimwe bimwe. IDHB ntiyashoboye kwemeza ivyo vyagirizi. Mw’ifoto IDHB yihweje, yasanze hari ibimenyetso vy’inguma mu maso ya Ngabirano vyoba vyatewe n’uguhohoterwa, amaso yiwe yari avyimvye kandi yugaye. Ababanyi bo ku mutumba hamwe n’umuryango wiwe baranse guhamba ikiziga ciwe imbere yuko abagirizwa ico caha bafatwa. Ikiziga ca Ngabirano camaze iminsi ine kw’ivuriro ry’i Mahwa.

Nk’uko umwe mu bagize umuryango wa Ngabirano abivuga, indongozi yo mu rwego rw’ubutungane yashitse aho ico caha cakorewe ariko ntacegeranyo yashikirije urwego rw’igipolisi naho ababa ngaho bamuhaye amakuru ku mbonerakure zoba zagirizwa iryo gandagurwa.

Kw’igenekerezo rya , iyo ncuti ya Ngabirano yabajije umurongozi ajejwe ubutungane igituma atateguye icegeranyo c’amatohoza. Yamwishuye amwikura yuko atashitse aho icaha cakorewe. Uyundi wo mu muryango yariyamirije ico cemezo yongera avuga ko yari yavuganye n’uwo nyene ajejwe ubutungane igihe yari ahakorewe ico caha yongera amusaba gufata umwe mu bagirizwa ubwo bwicanyi.

Ndayisenga, musitanteri wa komine, ntiyashitse ahakorewe ico caha ariko yarungitse mu kibanza ciwe umukuru w’umutumba wa Mahwa, umurongozi wo ku rwego rwo munsi yiwe. Hari amakuru atumvikana neza yerekeye uwo Ndayisenga yategetse gutunganya ihambwa ry’ikiziga ca Ngabirano. Mu ntango yoba yabwiye umwe mu bagize umuryango gutegura ishingurwa ry’uwo muntu. Ariko mu nyuma yoba yategetse umukuru w’umutumba wa Mahwa guhamba ikiziga. Ariko uyo nawe yagize nk’uko Ndayisenga yoba atamubwiye mu buryo butomoye ingene yoronka canke yogura ibikoresho vyo guhamba. Igihe umwe mu bagize umuryango wa Ngabirano abajije ico kibazo Ndayisenga ku telefone, yamwishuye ko ari we yotegura iryo shingurwa : « Ndagushinze ico gikorwa. Gikore. Ni mutagikora naho mumpe amahoro. Ndafise ibindi bikorwa bindindiriye. » Iyo ncuti yamwishuye iti : « Mushobora kuvuga gute ko muri umutegetsi ariko ko mufise ibindi bikorwa bibarindiriye kandi hari umuntu yiciwe muri segiteri yanyu ? » Ndayisenga yamuciriyeko itelefone.

Iminsi ibiri inyuma y’urupfu rwa Ngabirano, umwe mu bagize umuryango yabajije indongozi yo mu rwego rw’ubutungane igituma ata mitahe irasohoka yo gufata abagirizwa urupfu rwa Ngabirano. Yishuye ati : « Mwenewacu, sinshobora gusohora iyo mitahe yerekeye urupfu (rwa Ngabirano), na musitanteri abifise mwo uruhara. Reka kwiruhisha muri ibi vyabaye. Abo bantu (bishe Ngabirano) ‘barashigikiwe’. » Uyo mutegetsi wo mu rwego rw’ubutungane yashaka kuvuga ingene Imbonerakure zishigikirwa kenshi n’indongozi z’umugambwe uri ku butegetsi kandi ko zikingirwa ikibaba n’ubutungane.

Mu nyuma, umupolisi umwe yibiye akabanga umwe mu bagize umuryango (wa Ngabirano) ko Imbonerakure zoba zarishe Ngabirano batazifashe : « Si kubera ko tutashoboye gufata abo bantu ; abo bantu ‘barashigikiwe’. »

Ku mugoroba wo kw’igenekerezo rya , Venant Manirambona, buramatari w’intara ya Gitega, yagiye i Mahwa kubaza abanyagihugu ivyoba vyarabaye ku mugoroba w’umunsi Ngabirano yicwa. Nk’uko abari hafi y’uwo muhisi babivuze, Buramatari yabwiye se wa Ngabirano kwinjira mu muduga wiwe baca bagenda kw’ivuriro. Buramatari yamubwiye ko bagiye gushingura Ngabirano. Bahashitse, umupolisi yari agendaniye buramatari yakubise ikofi uwujejwe gucungera umutekano w’ivuriro kubera yanse kwugurura umuryango w’icumba c’aho ikiziga ca Ngabirano cari kirambararaye. Uwo ajejwe gucungera umutekano w’ivuriro yaruguruye umuryango abapolisi bafata ikiziga ca Ngabirano bagishira muri wa muduga.

Uyo mu polisi n’abandi bantu batamenyekanye bashinguye ikiziga ca Ngabirano mw’itongo ry’abapfuye i Mahwa, buramatari arorera.

Ishirahamwe IDHB ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu kugira ibaze ico abategetsi boba barakoze kubw’urwo rupfu rwa Ngabirano. IDHB yarandikiye Buramatari n’umushikirizamanza wa Repuburika muntara ya Gitega n’ibibibazo kubijanye n’abagirizwa urupfu rwa Ngabirano. Buramatari wenyene ni we yishuye abaza amakuru ajanye na IDHB n’imigenderanire yoba ifitaniye na Leta y’Uburundi ; ntaco yavuze ku vyabaye. IDHB yaravugishije kw’itelefone musitanteri wa komine Ryansoro Seconde Ndayisenga, imubaza ico avuga ku rupfu rwa Ngabirano ; ntiyashatse kwishura ku kibazo na kimwe.