L’Initiative pour les droits humains au Burundi
Varisito Ndayishimiye mw’ihwaniro i Bujumbura muri 2018. © 2022 Privé
Varisito Ndayishimiye mw’ihwaniro i Bujumbura muri . ©  Privé

Inyuma y’imyaka ibiri, nta butungane ku bwicanyi ku mvo za politike

Ikete ryuguruye ku mukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye

Nyenicubahiro,

Tubandikiye mu gihe c’isabukuru y’imyaka ibiri iheze mwimitswe nk’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Haraheze imyaka ibiri, inyuma gato murahiriye kuyobora igihugu, Initiative pour les droits humains au Burundi yarabandikiye ikete ryuguruye, ryavuga ido n’ido ingene abantu batandatu bishwe hagati y’ukwezi kwa na kubera imigambwe barimwo. Ivyo biradondaguwe aha musi.

Abenshi mubishwe bari abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Inama y’igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL). Imbonerakure, abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi – Inama y’igihugu iharanira intwaro rusangi-umuhari urwanira intwaro rusangi (CNDD-FDD) – nibo bagirizwa vyinshi muri ivyo vyaha. Muri bimwe, imbonerakure zakoranye n’abategetsi bo kunzego zo hasi canke abaserukira umugambwe CNDD-FDD ku rwego rwo hasi canke bakabashigikira biboneka ; bamwe muri abo bategetsi baramaze kuduzwa mu mabanga.

  • Ku wa , mu ntara ya Ngozi, Varisito Nyabenda, umunywanyi wa CNL, yarasandavye kubera ibikomere. Imbonerakure zari zamukubise mu gihe yariko aragerageza kuzibuza gukubita abandi banywanyi ba CNL.
  • Ku wa , mu ntara ya Bujumbura, Désiré Ntahondabasigiye, yaserukira CNL ku mutumba, yarasiwe mw’idirisha ry’inzu yiwe. Imbonerakure zibiri zitwaje ibigwanisho zarabonetse mu micungararo y’inzu yiwe imbere y’uko yicwa.
  • Ku wa , mu ntara ya Muyinga, Fauzia Basesuwabo, umunywanyi wa CNL, yarasandavye kubera ibikomere, inyuma y’imisi mike akubiswe n’imbonerakure co kimwe n’uwo bari bubakanye n’abahungu babo batatu.
  • Ku wa , mu ntara ya Bururi, Albert Niyondiko, yikekwa kuba ashigikiye abatavuga rumwe na Leta bitwaje ibirwanisho, yararashwe mu gikorwa cakozwe n’igipolisi n’iperereza.
  • Ku wa , musitanteri wa komine Ryansoro, mu ntara ya Gitega, Seconde Ndayisenga, yarahaye imbonerakure itegeko ryo kwica Jean Bosco Ngabirano, umunywanyi wa CNL. Ikiziga ciwe catowe bukeye ; vyaraboneka ko yakubiswe bikomeye.
  • Ku wa , indwi zibiri imbere y’amatora, Richard Havyarimana, umunywanyi wa CNL, yaranyurujwe mu ntara ya Mwaro, yahavuye atorwa mu ruzi ari ikiziga inyuma y’imisi itatu, afise ibiguma binini mu mutwe.

Nta butungane bwigeze bubaho ku bwicanyi haba kuri Varisito, kuri Désiré, kuri Fauzia, kuri Albert canke Jean Bosco. Nta numwe yigeze akurikiranwa kuri ubwo bwicanyi bwabo, amatohoza yarahagaritswe, kandi imwe mu miryango y’abo bishwe yaratewe ubwoba kugira ukuri kunigirwe mu menshi.

Igisa n’ubutungane carabaye gusa kuri Richard Havyarimana. Muri , sentare y’intara ya Mwaro yarahanishije imbonerakure zibiri igihano c’umunyororo w’imyaka 15 kubera ubwicanyi. Abandi bakekwa kuba baragize uruhara mw’inyuruzwa ryiwe ntibigeze bahagarikwa, kandi umwe mu mbonerakure yaciriwe igihano yarabonetse inyuma y’ibohero, ku mutumba hafi y’aho asanzwe avuka.

Ivyo vyabaye sivyo vyonyene kandi si ivyakera. Kuva mutorewe kuba umukuru w’igihugu, twaratohoje no ku bundi bwicanyi bufatiye kuri politike, ku babuzwe irengero, no kuborezwa igufa ku batavuga rumwe na Leta bakurikira :

  • Ku wa , Egide Sindayigaya, afise imyaka 64, yarapfiriye mu gasho k’igipolisi c’intara ya Rumonge, inyuma yaho iperereza rimuboreje igufa n’aho igipolisi ciciye mwenewabo.
  • Ku wa , umunywanyi wa CNL, batazira Rasta, yaratowe ari ikiziga mu ntara ya Bubanza inyuma y’aho imbonerakure zari zaraye zimukubise bikomeye.
  • Ku wa , mu ntara ya Bururi, igipolisi cararashe Bernardino Baserukiye, yarahejeje kurekurwa ava mw’ibohero ; umukuru w’igipolisi ca komine Moïse Arakaza yamwagiriza ko ari umurwanyi.
  • Ku wa , abagabo bambaye umwambaro wa gisirikare baranyuruje umunywanyi wa CNL, Eliya Ngomirakiza i Bujumbura. Ntawurongera kumukubita ijisho kandi hiyumvirwa ko yoba yarishwe.
  • Hagati ya na , Innocent Barutwanayo, umunywanyi wa CNL, yarapfuye mu gihe yari apfungiwe ku cicaro gikuru c’iperereza i Bujumbura, inyuma yo kuborezwa igufa n’iperereza mu Kayanza.
  • Ku wa , Augustin Matata, umunywanyi wa CNL, yarapfuye inyuma yo kuborezwa igufa ku cicaro gikuru c’iperereza i Bujumbura.

Kamwe gusa muri utwo turorero tw’ivyabaye muri niko gatanga umwizero ko ubutungane bushobora gukora. Muri , umukozi w’iperereza Gérard Ndayisenga yarahagaritswe kubera uruhara rwiwe mu rupfu rwa Augustin Matata, icaha kimwe gusa muri vyinshi yakoze mu myaka yamaze mu gisata c’iperereza. Ihagarikwa rya Ndayisenga ryabaye ikintu gihambaye. Mwaremeye ko ategerezwa « guhanwa bimwe vy’akarorero ». Mwoba muzokwitwararika ku buryo ubutungane bumubaza ku vyaha vyo kuboreza igufa, ubwicanyi n’ibindi vyaha bikomeye yakoze nk’umukozi w’iperereza, agacirwa urubanza vuba, hakurikijwe ingene imanza zikurikiranwa zikongera zikaburanishwa mu buryo bwizewe ?

Mu majambo menshi mwashikirije ku mugaragaro muri iyi myaka ibiri irangiye, mwaravuze mushimitse ko Uburundi bukeneye ubutungane, mwaremeje ko « nta muntu n’umwe ari hejuru y’amategeko » kandi ko « ivyari bizingamitse ubutungane biriko birakosorwa ». Ariko rero, hariho ubudasa bunini hagati y’ivyo mwemereye abanyagihugu n’ukuri kwibonekeza. Ingene ubucamanza bukora ntacahindutse kinini, ntiburashobora kurengera gukoreshwa n’abanyapolitike. Ukwo kudatera intambwe kwarateye agahinda gakomeye abakorewe ivyaha n’imiryango yabo ; barafise uburenganzira bwo kumenya ukuri no kubona abakoze ivyaha barengutswa imbere y’ubutungane.

Muri ubwo burorero 12 twavuze aho hejuru, hari intambwe zashoboye guterwa ku vyaha bibiri gusa muri ivyo vy’ubwicanyi, kuvyerekeye gukurikirana mu butungane bamwe mubavyagirizwa. Ukudahana gukingira ikibaba abagirizwa ubundi bwicanyi ni kwo kwibonekeza mw’ihohoterwa rikabije ry’uburenganzira bwa kiremwa muntu rikorerwa abatavuga rumwe na Leta vyukuri canke biketswe muri iyi myaka ibiri irangiye.

Nyenicubahiro, igihe mwinjira mu mabanga yanyu, abarundi benshi, hamwe n’abandi bo mu makungu mukorana bari biyumvira ko mufise imigambi ikomeye yo kunagura ubutungane. Bari bifuje kubaha icizere. Inyuma y’imyaka ibiri, ico cizere kiratanguye guhera.

Mwarijeje incuro nyishi ko mugiye kurandurana n’imizi igiturire mu rwego rw’ubucamanza, ariko ntimwashoboye kurangiza ukwivanga kw’abanywanyi b’umugambwe uri kubutegetsi, abakozi b’iperereza n’abandi bategetsi babangamiye ubwigenge bw’ubutungane.

Nk’uwujejwe amabanga y’umukuru w’igihugu, ajejwe kwubahiriza ubwigenge bw’ubutungane, akaba ariwe agenzura urwego rw’iperereza, murafise ubushobozi bwotuma abategetsi bakomakomeye babakikije – hamwe n’ababegereye bakorana – bashengezwa mu butungane. Murashobora kurandurana n’imizi ukudahana kugahera burundu. Muherutse kuvuga muti « ukudahana kuvyara akajagari ». Ivyo mwavuze ni ukuri. Mu gihe ubutungane buzoboneka ku vyaha bikomakomeye, nko kuri ibi vyaha twadondaguye muri iri kete, niho honyene Uburundi buzoshobora kurengera ivyabaye muri kahise bugashimikira ku ntambamyi z’imibano n’ubutunzi muri kazoza.

Ni mwakire, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu, icifuzo cacu kivuye ku muzirikanyi.

L’Initiative pour les droits humains au Burundi