L’Initiative pour les droits humains au Burundi
Umuntu agenda ku nzira muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi, Ruhuhuma umwaka wa 2022. © 2022 Privé
Umuntu agenda ku nzira muri komine Gashikanwa, intara ya Ngozi, . ©  Privé

Urugendo rusigaye

Uburundi buzorengutsa mu butungane ababwo bagirizwa guhohotera ?

Umwaka wa ntiwabaye mwiza kugateka ka zina muntu i Burundi. Urwego rw’iperereza rwaraboreje igufa imfungwa ziharurwa mumacumi, bamwe muribo barahasizize ubuzima. Abandi baraburiwe irengero canke bafungirwa mukinyegero. Abenshi muribo ni abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Leta.

Icegeranyo c’ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi, « Urugendo rusigaye : Uburundi buzorengutsa mu butungane ababwo bagirizwa guhohotera ? », gishira ahabona ihohoterwa rikabije ry’agateka ka zina muntu ribandanya gukorwa mu Burundi, nubwo hari inguvu Leta iriko irakora kugira isura yayo ibe nziza. Murico cegeranyo harimwo amakuru ananonosoye y’ivyakozwe n’abategetsi babiri bagize uruhara mumabi akabije : umukozi w’iperereza Gérard Ndayisenga n’umukomiseri mu gipolisi Moïse Arakaza. Icegeranyo kiravuga kandi amabi mashasha yakozwe n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi hamwe rero n’ibikomeje kwibonekeza mu kugabanya umwidegemvyo wo gushikiriza ivyiyumviro.

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yaravuze kumugaragaro ko Gérard Ndayisenga, amaze gahagarikwa, yategerezwa guhanwa bimwe vy’akarorero kubera uruhara rwiwe kucaha yagirizwa co kuboreza igufa umunyororo yahavuye asandaba. Leta yoba yiteguye gusaba ko abagirizwa ivyo vyaha babibazwa ?

Mugihe imigenderanire y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya n’igihugu c’Uburundi iriko irasubira kuba myiza, ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ryoba rizoshira inguvu mugusaba ko haha intambwe nziza ziboneka ? Ikiringo gishasha kigiye kuzoba igipimo co kuraba ivyo izo mpande zibiri zemeranije mubijanye n’agateka ka zina muntu.

Icegerenyo kiriho mu gifaransa no mu congereza.