
Ubucuti budashemeye
Ni nde afise ubutegetsi mu Burundi ?
Umwaka wa waranzwe n’impinduka zitangaje za politike mu Burundi. Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yarakoze ivyo umuntu atashobora kwiyumvira : yarabogoje umushikiranganji wa mbere yahora akomeye cane, Alain Guillaume Bunyoni.
Icegeranyo gishasha ca Initiative pour les droits humains au Burundi : « Ubucuti budashemeye : ni nde afise ubutegetsi mu Burundi ? », kirihweza ubucuti hagati y’abategetsi bakomeye b’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, n’ukugerageza gutsimbataza ubutegetsi bwabo. Kirasesangura inyigisho zo « gukunda igihugu » z’ibihumbi vy’abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure, n’ibindi bikorwa vyo gutera ubwoba no gukubagura abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ikomborwa rya Bunyoni kumbure ryaratondetse gushasha inguvu z’ubutegetsi ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Ndayishimiye, ariko iyo ngendo nshasha ishobora kuba iy’igihe gito. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ashobora kugerageza gucuvya Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, yamugararije ku buryo butaboneka. Umuntu aravye ingene Ndikuriyo yemerwa n’Imbonerakure, igikorwa nk’ico gishobora gutera umudugararo mushasha muri .