Aho amaso adashika
Ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorwa n’abasirikare b’Uburundi mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo muri Kongo
Abasirikare b’Uburundi barashurashuje ku nguvu, baranyuruza, barapfunga bidakurikije amategeko bongera barakubagura abanyagihugu b’abakongomani kuva barungitswe muri Kivu y’amaj’epfo muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC), impera za , kugira barwanye imirwi y’abitwaje ibirwanisho y’abarundi n’iy’abakongomani. Abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, Imbonerakure, barwaniye hamwe n’abasirikare b’Uburundi mu kiringo kitemewe c’ubutumwa gushika hagati ya , n’abanywanyi b’imigwi y’abarundi irwanya Reta ikoresheje ibirwanisho ikorera muri RDC nabo nyene barashurashuje ku nguvu abakenyezi b’abakongomani.
Mu cegeranyo ca Initiative pour les droits humains au Burundi, « Aho amaso adashika : ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorwa n’abasirikare b’Uburundi mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo muri Kongo », abakongomani bahohotewe hamwe n’abandi b’ivyabona barigana ingene abasirikare b’abarundi banyuruje bakongera bagashurashuza ku nguvu abakenyezi kandi bagakubita abanyagihugu bikeka ko bafashanya n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho b’abarundi. Ivyo bikorwa bihonyanga amategeko mpuzamakungu yisungwa mu gihe c’intambara kandi bishobora gutuma haba ivyaha vyo mu ntambara.
Bamwe mu batwara abasirikare b’abarundi barongoye inteko muri RDC, nka Ignace Sibomana na Ildephonse Baranyikwa, baragirijwe ihohoterwa rikabije ry’agateka ka zina muntu mu Burundi muri kahise. Reta y’Uburundi ntirigera ibasaba kwiregura.