
Aho amaso adashika
Ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorwa n’abasirikare b’Uburundi mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo muri Kongo
Icegeranyo ca Initiative pour les droits humains au Burundi, « Aho amaso adashika : ihohoterwa rifatiye ku gitsina rikorwa n’abasirikare b’Uburundi mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo muri Kongo », kirasesangura ishurashuzwa ku nguvu, inyuruzwa, ipfungwa ridakurikije amategeko no gufatwa bunyamaswa kw’abanyagihugu b’abakongomani vyakozwe n’abasirikare b’Uburundi kuva barungitswe muri Kivu y’amaj’epfo, muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC), impera za kugira barwanye imirwi y’abitwaje ibirwanisho y’abarundi n’abakongomani. Abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, Imbonerakure, barwaniye hamwe n’abasirikare b’Uburundi muri RDC mu kiringo kitemewe c’ubutumwa gushika hagati ya , n’abanywanyi b’imigwi y’abarundi irwanya Reta ikoresheje ibirwanisho ikorera muri RDC nabo nyene barashurashuje ku nguvu abakenyezi b’abakongomani.
Amakuba abiri yabaye muri aragaragaza igikenye c’abasirikare bamwe bamwe b’abarundi. Mu kirwati kimwe co mw’ishamba ry’Itombwe muri Kivu y’amaj’epfo, abasirikare b’Uburundi barakoranije abakenyezi batatu n’abana 12, babajana ku kirindiro cabo baca barabapfunga ikiringo c’imisi itatu. Umukenyezi umwe yaremeje ko abasirikare b’abarundi bamufashe ku nguvu incuro nyinshi. Mu gihe c’ayandi makuba, abasirikare b’abarundi barafashe ku nguvu umukenyezi w’imyaka 27 na muramukazi wiwe w’imyaka 16 imbere y’abana batatu b’umukenyezi akuze kurusha abandi.
Ivyo bikorwa bihonyanga amategeko mpuzamakungu yisungwa mu gihe c’intambara kandi bishobora gutuma haba ivyaha vyo mu ntambara.
Abatwara abasirikare bamwe bamwe barongoye inteko muri RDC baragirijwe ihohoterwa rikabije ry’agateka ka zina muntu mu Burundi muri kahise. Muri bo harimwo Ignace Sibomana, icegera c’umukuru w’abasirikare barwanira hasi mu Burundi kandi yahora atwara iperereza rya gisirikare mu kiringo c’amagume ya mu Burundi, na Ildephonse Baranyikwa, yari arongoye inteko z’Uburundi muri Kivu y’amaj’epfo, mu bikorwa vy’inteko z’abasirikare b’akarere k’Afrika y’ubuseruko. Reta y’Uburundi ntiyigeze isaba abo bakuru b’igisirikare co kimwe n’izindi ndongozi nkuru z’abasirikare, kwiregura kur’iryo hohoterwa ry’agateka ka zina muntu ica irabashimira mu kubarungika mu butumwa bwo kubumbatira amahoro burimwo amahera.