L’Initiative pour les droits humains au Burundi
Abapolisi bafise ibirwanisho, mw’ibarabara ry’i Bujumbura, Nzero 2016. © 2021 Privé
Abapolisi bafise ibirwanisho, mw’ibarabara ry’i Bujumbura, . ©  Privé

Inyuma y’umwango w’uruzitiro

Ababorezwa igufa n’abanyuruzwa baguma bongerekana

Ico Uburundi bwiyemeje mu bijanye n’agateka ka zina muntu gisa n’ikiriko kirasenyuka. Kuva habaye ibitero vyakozwe n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho batamenyekanye bigahitana ubuzima bw’abantu, imvugo ya Leta ku mahoro n’umutekano yahaye ikibanza ukuri guteye amakenga. Amacumi y’abatavuga rumwe na Leta barahagaritswe hadakwirikijwe amategeko, bagirizwa gukorana n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Benshi muri bo bapfungiwe mw’ibanga, ku cicaro c’ibiro bikuru vy’igendereza i Bujumbura, aho benshi baborejwe igufa kugira bashobore kwemera icaha canke batange ayandi makuru. Igitigiri c’abantu banyurujwe n’abantu boba ari abakozi b’igendereza canke abajejwe umutekano carongerekanye cane muri aya mezi aheze. Bamwe muri bo ntibasubiye kuboneka.

Icegeranyo ca Initiative pour les droits humains au Burundi « Inyuma y’umwango w’uruzitiro : ababorezwa igufa n’abanyuruzwa baguma bongerekana », kigira amatohoza kuri iryo duga riteye ubwoba kuva muri kikerekana ibikorwa vy’ububisha vya Moïse Arakaza, yari komiseri w’igipolisi mu Mugamba, intara ya Bururi, gushika muri . Arakaza yarahagaritse yongera araboreza igufa abantu benshi, yabagiriza gushigikira abatavuga rumwe na Leta bitwaje ibirwanisho. Uburyo bwiwe akunda gukoresha mu kuboreza igufa abapfungwa, ni ukubakubitisha umugongo w’umupanga, kubashira ipilipili mu zuru no kubatera ubwoba ko abica. Yaratwaye n’amafaranga menshi abapfunzwe kugira barekurwe, gutyo ahonyanga urugamba rwa Leta rwo kugwanya igiturire. Ubugizi bwa nabi bwa Arakaza burazwi cane, ariko abategetsi baranse kumufatira ingingo.

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye arigisha, mu majambo yiwe, iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ubutungane, ariko arahumiriza kuri ivyo vyaha bikomeye. Niyaba ashaka kwerekana isura yo kwizera, yotegerejwe guhagarika inyifato y’ubugizi bwa nabi bwo mu gace k’intagondwa zo mw’igendereza no mu gipolisi, hamwe no kudahanwa kubakingira. Itituka ry’agateka ka zina muntu ryotegerejwe guha ikimenyetso kubo bafashanya bo mu makungu, c’uko hari ikitagenda neza : Ntimufate nk’ukuri ivyiyemezo vyiza Leta ifata mubijanye n’agateka ka zina muntu mugihe ibandanya kuboreza igufa n’ukunyuruza abo yibaza ko ari abatavuga rumwe na yo.

Icegerenyo kiriho mu gifaransa no mu congereza.

Incamake yo kumviriza y’icegeranyo iriho mu kirundi.