L’Initiative pour les droits humains au Burundi
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye (i buryo) aherekeje umukuru w’igihugu ca Kongo Félix Tshisekedi ku kibuga c’indege c’i Bujumbura kuwa 23 Rusama 2022. © 2022 Privé
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye (i buryo) aherekeje umukuru w’igihugu ca Kongo Félix Tshisekedi ku kibuga c’indege c’i Bujumbura kuwa . ©  Privé

Igikorwa co kwiyoberanya

Ubutumwa bw’Uburundi mw’ibanga muri Kongo

Kuva muri , igisirikare c’Uburundi cararungitse abasirikare amajana hamwe n’abanywanyi b’Umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC). Ico batumbereye nyamukuru ni umurwi w’Uburundi urwanya Reta ukoresheje ibirwanisho RED-Tabara, wagize ibitero rimwe na rimwe mu Burundi muri iyi myaka iheze.

Icegeranyo ca Initiative pour les droits humains au Burundi, « Igikorwa co kwiyoberanya : ubutumwa bw’Uburundi mw’ibanga muri Kongo », gitohoza igikorwa c’igisirikare c’Uburundi muri RDC, mu kugishira mu ntumbero iriko irakura mu Burundi yo guhindura ibintu ngo bibe ivya gisirikare.

Agacerere k’inzego niko gakikije ico gikorwa ca gisirikare. Abasirikare hamwe n’Imbonerakure bajabuka urubibe mu mpisho, akenshi mw’ijoro, kandi baragabishijwe kutavuga ivyerekeye ubutumwa bwabo.

Igikorwa categuwe nabi mu buryo bubabaje. Imbonerakure zimwe zaronse amakuru make cane imbere y’igihe. Imbonerakure nyinshi hamwe n’abasirikare b’Uburundi barishwe canke barakomereka mu ngwano. Abasirikare b’Uburundi, Imbonerakure hamwe n’abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyekongo bunze ubucuti boba barakoze ihohotera rikomeye ku banyekongo basanzwe.

Hambavu y’ico gikorwa, Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, yarazungurutse Uburundi ahimiriza Imbonerakure mu majambo akarishe kandi aturira, atumbereye kwemeza ubukomezi bwa CNDD-FDD muri kazoza ka kure mu gihugu cose. Imbonerakure nyinshi zarakurikiye inyigisho zo « gukunda igihugu ».

Ivyo vyose ubishize hamwe vyategerezwa gutera umwitwarariko ukomeye abafasha mpuzamakungu kuko bishobora kugabisha ugutera baja mu ntwaro ya gisirikare kandi ikandamiza cane imbere y’amatora yo mu Burundi muri na .

Icegerenyo kiriho mu gifaransa no mu congereza.

Incamake yo kumviriza y’icegeranyo iriho mu kirundi.