L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Itangazo ryo gusozera IDHB

Turi n’umubabaro wo kubamenyesha ko Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) usozereye igikorwa cayo mu mpera za kuno kwezi kwa .

IDHB yashinzwe muri , ubwa mbere, yari yashizweho nk’umugambi wotanze amakuru ukanagira umwihwezo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu kiringo c’amatora yo muri . Nta ntumbero yari ifise yo gukora ikiringo kinini. Twakurikiranye Uburundi mu kiringo c’imyaka ine n’igice – ico kiringo cabaye kinini cane kurusha uko twavyiyumvira.

Inyuma yo kuvyiyumvirako umwanya utari muto, ku mvo zivuye kuri twebwe nyene ubwacu, twafashe ingingo ko hageze ko duhindura, tugakorera mu bindi. Iyo ngingo ntaho ihuriye na gato n’uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Ahubwo, ibihagarika umutima mu bijanye n’agateka ka zina muntu biracariho kandi bikeneye ukwitabwaho hamwe n’ugushigikira ibikorwa muri iyo ntumbero.

Uburundi buracari igihugu kititaweho n’amakungu, ariko amajwi amwe amwe akomeye arashobora kugera kure. Turizeyeko igikorwa cacu cakabuye abafise ku mutima Uburundi kugira babandanye urugamba rwo kubahiriza agateka ka zina muntu n’ubutungane. Ntimuze mwitinye kuguma mukoresha ivyegeranyo vyacu n’ivyo vyose twashize ku rubuga rwacu.

Turashimiye abadushigikiye n’abaduteye intege muri iyi myaka ine n’igice iheze.

Carina Tertsakian et Lane Hartill