L’Initiative pour les droits humains au Burundi
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye (mu bubamfu) impande ya Alain Guillaume Bunyoni inyuma y’iyimikwa ryiwe nk’Umushikiranganji wa mbere ku wa 24 Ruheshi 2020. © 2020 Privé
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye (mu bubamfu) impande ya Alain Guillaume Bunyoni inyuma y’iyimikwa ryiwe nk’Umushikiranganji wa mbere ku wa . ©  Privé

Uwuhiganwa yaneshejwe

Varisito Ndayishimiye azogarukira hehe ?

Muri , umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yarategetse ihagarikwa ry’umushikiranganji wa mbere wiwe Alain Guillaume Bunyoni. Iryo hagarikwa, kimwe n’izindi ngingo zafashwe n’umukuru w’igihugu, zisa n’izahinduye ikarata ya politike y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.

Icegeranyo gishasha ca Initiative pour les droits humains au Burundi, « Uwuhiganwa yaneshejwe : Varisito Ndayishimiye azogarukira hehe ? », kirasesangura akamaro k’ihagarikwa rya Bunyoni n’impinduka muri CNDD-FDD. Kirihweza kandi ingene ishaka rya Ndayishimiye ryo gukorana ubwira mu kurwanya abatamwemera mu mugambwe wiwe bishobora guhindura intumbero ya politike muri kazoza k’Uburundi.

Icegeranyo kirihweza nimba izo mpinduka kumwe n’izindi zishobora gushika ku mpinduka zitezwe mu gisata c’agateka ka zina muntu canke zigashika kuri politike nshasha mu gihe uruhigi rw’abiyonkoye rubandanya. Ihangiro rya mbere rya Ndayishimiye biboneka ko ari ugutsimbataza intwaro yiwe imbere y’amatora y’abashingamateka ya hamwe, cane cane, n’amatora y’umukuru w’igihugu ya .

Kuri iyo mvo, Ndayishimiye yarashikirije ijambo rikomeye imbere y’umuhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure, muri , ku musi wahariwe Imbonerakure. Yarateye intege Imbonerakure kubandanya gukingira umutekano w’Uburundi hamwe no kwitaho cane iterambere-ibitandukanye n’intumbero yaheruka gutanga aho yashimangira ko igikorwa cabo ca mbere gitegerezwa kuba ico guteza imbere igihugu.

Mu gusozera icegeranyo kirasesangura icanamwo riri mu mugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, CNL, vyatumye reta ihagarika ibikorwa vy’uwo mugambwe, n’ingaruka zishobora gukomera mu vyerekeye intwaro rusangi mu Burundi.

Icegerenyo kiraboneka mu gifaransa no mu congereza.