
Ndayishimiye, inyuma y’umwaka ari ku butegetsi
Yoba yarakoze ivyo yiyemeje kubijanye n’agateka ka zina muntu ?
Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yarakoze ico yari yiyemeje ? Abarundi bamwebamwe bamenyeshako ubugizi bwa nabi bwakorwa n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi n’igiturire vyagabanutse, haraba n’icuka ciza mu bijanye n’ibimenyesha makuru. Abandi bamenyesha ko bafise icizere gike, kuko urwego rw’igendereza rubandanya guhohotera atankurikizi, abatavuga rumwe na Leta. Ikindi gihagaritse umutima : urwego rw’ubutungane rurakoreshwa n’abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi n’urwego rw’igendereza, batanga kenshi na kenshi ku bashikirizamanza n’abacamanza intumbero ku kungene imanza za politike zicibwa.
Abarundi batari bake bavugako hakiri kare cane kugira ico bashikirije kuri Ndayishimiye. Baribaza nimba ibimenyetso vyiza vyoba biva ku mutima ariko kandi bakagumana amakenga ku vyo yiyemeje – no ku bushobozi bwiwe – bwo gushira mu ngiro impinduka yemeye.
Nk’uko Umurundi umwe yavyemeje : « Nimba (Ndayishimiye) ari we wenyene ameze neza mu ntwaro (y’umugambwe uri ku butegetsi), ntavyo azoshikako. Ni intwaro yose itegerezwa guhinduka. »
Icegeranyo ca Initiative pour les droits humains au Burundi, « Ndayishimiye, inyuma y’umwaka ari ku butegetsi : yoba yarakoze ivyo yiyemeje kubijanye n’agateka ka zina muntu ? » gishingiye ku biganiro vyakozwe ku Barundi mu bisata bitanu bikuru vy’ubuzima, ica irya nino ivyakozwe n’intambamyi vy’umukuru w’igihugu ku ngorane zihuta zihanze igihugu muvy’agateka ka zina muntu.