L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Uru rukurikirane rw’uburorero bw’ivyabaye rwitwa « Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta » rwerekana uko Abarundi batakaje ubuzima ku mvo za politike kuva mu mpera za . Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ritangaje ubwo burorero mu ntumbero yo kwibutsa ivyabaye no kubandanya guhimiriza Leta y’u Burundi guhana abakoze ivyaha.

Ubwo burorero ni buke cane tugereranije n’igitigiri c’abantu bishwe ku mvo za politike mu Burundi mu kiringo c’imbere y’amatora yo muri . Ubwicanyi n’ibindi vyaha vyo guhungabanya agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Leta – bimaze imyaka myinshi ku rubuga rwa politike mu Burundi – vyarongerekanye cane mu mezi atandatu yanyuma ya no mu mezi atandatu ya mbere ya . Vyari vyagabanutse inyuma y’amatora ya , bica birasubira muri . Ishirahamwe IDHB ryizeye ko gushira ahabona ubwo burorero bugaragaza ivyabaye, gushobora guterera agacumu k’ubumwe mu gutorera inyishu nziza ibindi vyaha bisa n’ivyo no guhagarika ayandi mabi yo guhohotera ku mvo za politike.

Umugambwe Inama y’Igihugu iharanira Intwaro rusangi-Umuhari urwanira Intwaro rusangi (CNDD-FDD) waremejwe ko watahanye intsinzi mu matora y’Umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’abajenama b’ama komine yabaye kw’igenekerezo rya . Ivyatangajwe vyariyamirijwe n’umugambwe mukuru utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL). Abanywanyi amajana ba CNL barafashwe, barafungwa imbere y’amatora, mu gihe c’amatora n’inyuma yayo, hamwe rero n’inyuma y’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho muri na . Amacumi y’abantu baranyurujwe n’abakekwa ko ari abakozi b’iperereza, benshi mubanyurujwe bahava munyuma batorwa aho bari mu mabohero makuru canke mubindi bibanza bifungirwamwo abantu, ariko hari n’abandi batigeze bongera kuboneka. Bamwe muribo baranyurujwe baburwa irengero, bafatwa nk’abapfuye.

Ishirahamwe IDHB ryarakoze amatohoza anonosoye kuri ivyo vyaha biri muri uru rukurikirane. Ayo makuru yegeranijwe ashimikiye ku biganiro vyimbitse vyakozwe ku vyabona vyinshi n’ayandi masoko yegereye ivyabaye no kuvyemezo aho vyashoboye kuboneka. Ishirahamwe IDHB ntiryatanze umwidondoro w’ivyabona ku mvo zo gukingira umutekano wavyo.

Ishirahamwe IDHB ryarashikirije Leta y’Uburundi, ubutegetsi bwo mu butungane n’ubuyoyobozi bwa CNDD-FDD ivyo ryashitseko ku bijanye n’ivyo vyabaye. Ishirahamwe IDHB rizoguma ritera akamo risaba ko ivyo vyabaye be n’ayandi mabi bikwirikiranwa, gushika aho hazoboneka inzira zizewe zo gushikana mu butungane abagirizwa ubwicanyi bufise imvo za politike.

Vyinshi mu vyaha biri muri uru rukurikirane vyakorewe abanywanyi ba CNL. Ishirahamwe IDHB ryatoye ubwo burorero kubera ububisha budasanzwe buburanga kandi kubera ko bwerekana uruhara abarongozi bo mu rwego rw’intango canke abatwara umugambwe uri ku butegetsi, hamwe n’ukudahana kubakingira. Benshi mubagirizwa ivyaha ni abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, Imbonerakure, babikora rimwe rimwe bafatanije n’abarongoye intwaro bo ku rwego rw’intango n’abaserukira umugambwe CNDD-FDD kuri urwo rwego. Muri kamwe muri ubwo burorero, abapolisi canke abakozi b’iperereza barishe abantu bagirizwa kuba bari mu barwanya Leta bitwaza ibirwanisho.

Uburyo abagize Leta y’Uburundi n’abagize CNDD-FDD bagaragaza ivyiyumviro vyabo kuri ubwo bwicanyi, butangurira ku guceceka no kwigira sindabibazwa bukagera ku guhakana mu buryo bwihariye no kwagiriza abatavuga rumwe nabo, muri vyinshi canke vyose vyakozwe muri ubwo bubisha. Amatohoza yo kwizerwa yabaye kuri ivyo vyabaye ni make, ikitavuzwe co ni imanza zitari iza ngondagonde. Mukarorero kamwe, Imbonerakure zibiri zaragiriwe no kuba zaragize uruhara mu kunyuruza no kwica umunywanyi wa CNL zihanishwa gufungwa imyaka 15.

Muri rusangi Imbonerakure boba zaragize uruhara muri ubwo bwicanyi ntizarengukijwe imbere y’intahe kugira zishure kuvyo zagirizwa, ariko abanywanyi ba CNL canke abazinanye n’abakorewe ivyaha ni bo bafashwe mu kibanza cazo, kenshi mu buryo bunyuranye n’amategeko canke hisunzwe ivyagiriji vy’ibinyoma. Imbonerakure zimwe zarafashwe ariko nyinshi muri zo zararekuwe n’ingoga. Zimwe zabandanije zitera ubwoba imiryango y’abakorewe ivyaha, n’inyuma yo kwicirwa ababo. Imiryango myinshi iratinya cane kwitura ubutungane ku buryo imanza nyinshi zibikwa zitaburanishijwe.

Imbonerakure nyinshi n’abandi banywanyi ba CNDD-FDD nabo nyene barishwe canke barakomeretswa, bamwe mu gihe c’imishamirano hamwe n’abanywanyi ba CNL, canke kubera ibitero vy’abitwaje ibirwanisho, abandi mu buryo butaramenyekana. Ishirahamwe IDHB ryaragerageje gutohoza kuri vyinshi mu vyabaye risaba Leta y’Uburundi na CNDD-FDD ayandi makuru yo kwunganira ayo baronse kuri ivyo vyabaye, ariko ntirirashobora kwemeza umwidondoro w’abakoze ivyo vyaha canke kumenya ko ubwo bwicanyi bwari bufise imvo za politike.

Uburorero butanzwe muri uru rukurikirane, ni igipimo ku mukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye no ku rwego rw’igihugu mu butungane, Ndayishimiye yatangaje incuro nyinshi ko yiyemeje gukuraho ukudahana, cane cane mu bijanye n’ihohoterwa ku mvo za politike. Ubu rero araronse akaryo ko gushira mu ngiro ivyo yiyemeje mu gutunganiriza imiryango y’ababuze abayo no gucungera kugirango abo ntibibagirwe.