L’Initiative pour les droits humains au Burundi

Ikiguzi c’urupfu ku batavuga rumwe na Leta

Fauzia Basesuwabo : Umunywanyi w’umugambwe umwe utavuga rumwe na Leta, umuvyeyi w’abana 10, yarakubiswe n’Imbonerakure gushika apfe. Yakubiswe ku wa 26 Ruhuhuma 2020. Apfa ku wa 4 Ntwarante. Intara ya Muyinga.

Fauzia Basesuwabo

Umunywanyi w’umugambwe umwe utavuga rumwe na Leta, umuvyeyi w’abana 10, yarakubiswe n’Imbonerakure gushika apfe

Igihe abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, bahiga umugabo n’abahungu biwe bazira ko ari abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Fauzia Basesuwabo yaragerageje guhunga. Imbonerakure zaramufashe ziramukubita ata mpuhwe. Ibivugwa munsi birasigura ingene ububisha bw’Imbonerakure bwavyaye urupfu rwiwe.

Abanywanyi babiri b’umugambwe utavuga rumwe na Leta, Inama y’Igihugu iharanira umwidegemvyo (CNL) bari mu vyabo batekanye, batambuka ku nkombe z’ibarabara mu ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya aho Aloys Niyoyita batazira Gihori yabarengana ari kw’ipikipiki. Uwari ayitwaye yayihagaritse gihutihuti hanyuma Gihori atangura kubatuka atabatorera. Abita « Imbwa za CNL », abagiriza gukora inama itemewe n’amategeko yongera ababwira ko we n’izindi mbonerakure bagiye gutangura kurasa abanywanyi ba CNL.

Barateranye amajambo bahava bashira mu ngumu. Umwe mu banywanyi ba CNL yakubitishije igiti Gihori amukomeretsa ku mutwe. Abo banywanyi babiri ba CNL baciye batungwa n’ayo bameze.

Icoba catumye Gihori abatuka ntikiramenyekana. Ariko ku munsi w’imbere yaho, mu nama y’icese yabereye ku mutumba wa Jani, umunywanyi azwi cane w’Imbonerakure yabwiye isinzi ry’abantu ngo : « Tuzobirukako (abanywanyi ba CNL) gushika aho n’ibirenge vyabo bisha. N’abari mu misegetera yabo tuzobafata kandi tubavunagure. » Yongera ati aho abantu bazobona hose umunywanyi wa CNL bazomubohe kandi CNL itegerezwa kwankwa no kwirukanwa mu bibanza bihurirwamwo na bose, nk’ububare n’amasoko. Iryo toteza ryagomba rishirwe mu ngiro vuba i Jani.

Imvugo nk’iyo yari ihasanzwe n’imbere y’amatora yo mu kwezi kwa , yaragize ingaruka mbi cane. Mu ntara za kure hagati mu gihugu, iterabwoba n’amabi atandukanye vyagiye mu buzima bwa minsi yose, kandi ibindi bijanye n’ivyo bikorerwa mu misozi, kenshi biguma binyegejwe. Abarongozi bo ku rwego rw’intango – bamwe muri bo baba baragize uruhara mw’ihohotera canke batinya umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD barazi ububasha bw’Imbonerakure kandi barazi ryari bategerezwa gukora ivyo zitegetse.

Intara ya Muyinga ntitandukanye n’izindi. Akarorero : kw’igenekerezo rya , muri komine Giteranyi, Imbonerakure zakubise umunywanyi wa CNL, zisahura zikuzako inzu yiwe, zimwiba amafaranga ibihumbi amajana abiri (200 000 FBU, angana n’amadolari 105). Igihe inyuma y’iminsi ine inyamiramabi zatevye zikabaza uwakorewe icaha, ntizasa n’izitaho ivyabaye. Imbonerakure yari yakubise uwakorewe icaha yabonywe haheze iminsi iriko iranywa ibiyeri iri kumwe n’abapolisi bo ku mutumba. Uwakorewe icaha yararondeye umushikirizamanza w’i Muyinga, abategetsi bo mu butungane barumvikanye n’Imbonerakure : gushumbusha uwakorewe icaha ariko ntibahanwe. Igihe iki cegeranyo categurwa, zari zamaze gutanga igice kinini c’inshumbusho ariko nta kindi gihano zari bwacirigwe kubijanye no kumukubita.

Muri muri komine Giteranyi, Imbonerakure zaraturiye inzu y’umugore yari yararambiwe n’isabwa ritavanako ry’intererano y’amafaranga. Muri , Imbonerakure zarafashe umunywanyi wa CNL afise imyaka 35 kuko, nk’uko zabivuze : « Cari ikijuju, bashaka kumwigisha. » Kuva ico gihe, umugore wiwe ntiyasubiriye kumubona.

Igihe Gihori n’abanywanyi ba CNL batana mu mitwe mu kwezi kwa i Jani, vyavuye mwo kimwe mu bitero bikomeye cane vyabaye mu ntara ya Muyinga mu mezi atari make aheruka. Ivyo vyabaye birerekana ubukerebutsi n’ububasha bw’Imbonerakure mu kurarika bagenzi babo, n’ukubashuhura ngo bafadikanye guta ishavu ku muryango umwe gusa.

Ishavu riniga kandi amaraso agenda arava atiririka ku mutwe inyuma y’imishamirano hamwe n’abo banywanyi ba CNL babiri, Gihori yatelefonye Imbonerakure zo kuri uyo mutumba kugira ngo zihige abanywanyi ba CNL bo mu micungararo. Iyo nkuru yasanzaye mu kanya isase, hanyuma isinzi ry’Imbonerakure ryahuriye ku rugo rwa Selemani Rwasa, umunywanyi wa CNL yaba i Jani, umuhungu wiwe akaba ari mu bari mu mishamirano na Gihori.

Izindi mbonerakure zagiye kwa Sosthène Murasandonyi batazira Gahindira, aserukira CNL muri komine akaba aba hafi y’ahonyene yari yiyugaranye mu nzu yiwe kugirango yikingire. Icabona cemeje ko Murasandonyi yibazako Imbonerakure zihava zimwica, ko yitwaje agafuni kandi ko yagerageje kwivuna Imbonerakure zari zatanguye gusenyura inzu yiwe kugira ngo zimushikire.

Gihori yashitse kwa Selemani Rwasa, akurikiwe n’isinzi ry’Imbonerakure z’i Jani n’izo ku mitumba ihegereye zaje ziririmba : « Bakubite ! Bakubite ! ». Gihori yarafise umupanga n’agafuni. Mu ntango, Rwasa n’abahungu biwe baragerageje kwirwanako bakoresheje ivyo bari bafise hafi. Gihori yafashe igisate c’inkwi arwana na Rwasa yari afise umupanga yakoresha mu bikorwa vyo mu mirima.

Ivyabona vyumvise Gihori akeburira abandi ko azokwihora ku vyabaye akica abantu bashika n’imiburiburi kuri batatu bo mu muryango wa Rwasa. Izindi mbonerakure zavuze ko zizobakubita gushika aho batazobasha gusoroma ibiharage barimye.

Igihe igitero c’isinzi ry’Imbonerakure cari kirongowe n’umukuru w’umutumba (indongozi yo ku mutumba) w’i Jani, Joseph Ndayizeye, kihashitse, Rwasa n’abahungu biwe batatu barishikanye, abahungu biwe barabohwa. Icabona cemeje ko Ndayizeye yari afise ubuhiri n’inkota.

Muri ako kavuyo, Fauzia Basesuwabo, umugore wa Rwasa, afise imyaka 54, yatunzwe n’ayo yameze ajana mu mwonga. Mu nyuma, yabwiye umubanyi wo mu micungararo ko Imbonerakure zamufashe, zimwe zashatse kumurekura ariko zibiri muri zo, Jean Nshimirimana batazira Nzabampema na Innocent Cinyeretse, ziranka. Nzabampema yamubwiye ati : « Naho abandi bokureka, jewe ndagukorerako gushika upfe. » Zaramukubise cane n’ibihiri mu mafyigo, mu mbavu no mu gikiriza. Zihejeje kumukubita, Nzabampema yaramuherekeje iwe.

Icabona cavuze uko ibintu vyagenze kwa Rwasa : « Imbonerakure zari zifise ibihiri n’intsinga z’umuyagankuba zakoresha nk’ibimoko ; zari zifise imigozi nk’irya babohesha imizigo ku makinga. Umwe muri zo yari afise inkota, uwundi nawe Iddy (Niyonzima), aserukira CNDD-FDD i Jani yari afise urubaho ruteyeko imisumari. Uwundi muntu wo muri uyo murwi yari afise ishoka. »

Zimwe mu mbonerakure, na Ndayizeye, barakubise Rwasa n’abahungu biwe batatu. Ndayizeye yaretse kubakubita igihe yitaba itelefone. Umwidondoro w’uwamuhamagaye ku telefone nturamenyekana. Ariko igihe ahejeje kwitaba, yavuze ko abapolisi bari mu nzira, aca abwira Imbonerakure ngo : « Nimwaba mushaka ko nguma ndi umukuru w’umutumba, ntimubakubite ku mutwe. »

Abapolisi babiri baje kw’ipikipiki bategeka kubohora amaboko y’abagabo bari baboshwe. Bagiye bajanye Imbonerakure zibiri, Ndunguye na Saduni Gahungu n’abanywanyi babiri ba CNL, Sosthène Murasandonyi n’umudandaza wo ku mutumba yitwa Jean Claude, baca babarungika mu gasho k’igipolisi i Muyinga. Nk’uko vyavuzwe n’isoko rimwe ryari rifise inkuru z’imvaho zo ku mutumba, Jean Claude yari afitaniye amatati y’amatongo na Gihori, iyo ni yo mvo ishobora kuba yatumye afatwa.

Basesuwabo yashitse iwe inyuma yo gukubitwa, imbere yuko abapolisi bahashika. Kubera ko atava amaraso kandi ntagire n’ibikomere biboneka, abo bapolisi babiri babonye ko atari ngombwa ko bamujana kw’ivuriro. Bategetse abagendesha ipikipiki gutwara kw’ivuriro Rwasa n’abahungu biwe batatu bari bakomeretse cane. Nk’isaha zitatu z’ijoro, rusehabaniha yarabimuye ibavana kw’ivuriro ibajana ku bitaro vy’ akarere ku buvuzi.

Muri iryo joro nyene, Basesuwabo yagerageje kugenda n’amaguru ibilometero bitatu kugira ashike kw’ivuriro ariko ububabare yari afise bwari ikirenga gushika aho atashoboye guheza urwo rugendo canke gusubira iwe. Yaciye arara yitunye mu bitoke. Bukeye, incuti yiwe yaramwishigikije iramuherekeza gushika kw’ivuriro aho yahawe ibinini bikeyi.

Kw’igenekerezo rya , musitanteri wa komine Gasorwe, Jean Claude Barutwanayo, yagirishije inama y’umutekano hamwe n’abanyagihungu i Jani. Umuntu yari muri iyo nama yavuze ko musitanteri yashimiye Imbonerakure ku bikorwa zakoze ; ivyo abanyagihugu babifashe ko ari ukuzishimira ku gitero zagamije kuri Rwasa n’umuryango wiwe. Yahimirije Imbonerakure kubandanya zikora ata bwoba kandi atagukekeranya.

Muri ico gihe, Basesuwabo yagumye asinzikara. Kw’igenekerezo rya , yasubiye kw’ivuriro, ararayo ariko ntiyavuwe neza. Yaratashe iwe amagara yongera kumukika. Yapfuye kw’igenekerezo rya . Nk’uko umwe mu ncuti ziwe abivuga, « Nta ngorane n’imwe yarafitanye n’umuryango wiwe canke n’ababanyi. Yakunda umugambwe (CNL). »

Inyuma y’urwo rupfu, umukuru w’umutumba, Joseph Ndayizeye yagiye kw’ivuriro gusaba uwavuye Basesuwabo kwandika ko yishwe na malaria. Uyo muvuzi yaravyanse. Mu nama y’icese, Ndayizeye yaragabishije ababa i Jani ko uwuzohirahira akavuga ko Basesuwabo yakubiswe gushika apfe « ko azomuzimanganya ». Yategetse bose kuvuga ko yishwe na malaria.

Indwi zishika zibiri inyuma y’ico gitero, igipolisi carekuye za mbonerakure zibiri zari zipfunzwe. Cyprien Sinzotuma, umunyamabanga wa CNDD-FDD ku rwego rw’intara, yazihaye umwumwe ibiro 25 vy’umuceri. Muri kahise, Sinzotuma yavuze amajambo aca inkokora abo batavuga rumwe. Muri , nk’uko vyavuzwe mu binyamakuru, yabwiye Imbonerakure ko « bazoshishura uruhu rw’abansi b’u Burundi baruhe ibisiga » kandi ko « bazobakona ».

Haheze iminsi mikeya, Jean Claude Barutwanayo yashimiye mu nama y’icese, Imbonerakure yitwa Ndunguye, mw’ijambo yavuze ryerekeye ibitero vyagabwe kuri Rwasa na Murasandonyi. Nk’uko umuntu yari muri iyo nama abivuga, yise Ndunguye incungu yagiye « ku rugamba kandi ararutsinda ku buryo bunezereje. » Musitanteri yamuhimirije kubandanya akora gurtyo nyene.

Rwasa n’abandi bakomerekeye muri ico gitero bagiye kuraba buramatari w’intara ya Muyinga kw’igenekerezo rya , ariko ntibashoboye kumuronka. Mu kibanza ciwe, bakiriwe n’Umujenama wa Buramatari ari kumwe na Barutwanayo. Nk’uko uwufise amakuru kuri iyo nama yavyemeje, Barutwanayo yabwiye abanywanyi ba CNL gutaha iwabo canke guhungira mu Rwanda canke muri Tanzaniya, ivyo bihugu bibiri bikaba bihana imbibe n’intara ya Muyinga. Haciye iminsi itatu, Barutwanayo yagirishije inama Rwasa, Gihori na Ndayizeye, umukuru w’umutumba. Barutwanayo yoba yaravuganye n’indongozi zo hejuru ku vyerekeye ico kibazo, yabwiye Rwasa ko ashobora gutaha i Jani kandi ko azocungera umutekano wiwe. Yongeye amusaba kuvavanura burundu na CNL no kwinjira muri CNDD-FDD.

Ishirahamwe Initiative pour les droits humains au Burundi (IDHB) ryarandikiye abafise amabanga muri Leta y’igihugu ribaza ico abategetsi bakoze kubw’urupfu rwa Basesuwabo. IDHB ryarandikiye kandi Buramatari n’Umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga rimubaza n’ibibazo ku bagirizwa ico caha. Nta numwe muri abo bategetsi yishuye. IDHB yarahamagaye kuri telefone Yozefu Ndayizeye, umukuru w’umutumba wa Jani, kugira agire ico abivuzeko. Yamenyesheje ko ataco yovuga ku bibazo bijanye n’agateka ka zina muntu aca abwira IDHB guhamagara kuri komine.